1 minute read

Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule

Next Article
Intangamarara

Intangamarara

1/2

Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule

• Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule igizwe n’umurwi w’abanyeshule baserukira abandi, bakaba bafashe ingingo yo gukorera hamwe mu guteza imbere imigambi y’iterambere mu mashule yabo. Umwe mu migambi ikomeye n’uguteza imbere amagara y’abantu.

• Muri uwo murwi abo bana basabwa gushikiriza ivyiyumviro vyabo atakurya umunwa.

Bakora nko mu nama nshingamateka zisanzwe. Ibi bivuga yuko abagize uwo murwi bicara ukwabo akaba ari nabo bemerewe gufata ijambo. Abatarimwo nabo bafise ubwicaro bwabo kandi bategerezwa kwifata nk’abarorezi, ntibemerewe gufata ijambo.

Igicapo c’iburyo: Hazel, umwanditsi mu Nama Nshingamateka kw’ishule St Agnes Centre For Education 

2/2

Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule

• Ibiro vy’uwo murwi bigizwe n’abantu 4 (abahungu 2 n’abigeme babiri) mu mashule avanze, bagatorwa icese mu guharura amajwi.

• Abaserukira abandi baca batora: Kizigenza, icegera ciwe, umunyamabanga nshingwabikorwa, uwujejwe umutekano, uwujejwe ugukorera mu mirwi, uwutanga amajambo, n’uwujejwe kwimenyekanisha

• Abagize uwo murwi bitana « Nyeniteka» n’ukuvuga «Honorable» mu gifaransa nkuko bigenda mu nama Nshingamateka z’ibihugu.

3/2

Intumbero y’Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule

• Guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye amagara y’abantu mu mashule no mu ngo ziri mu micungararo y’amashule

• Gutegura imigambi yo gushira mu ngiro.

• Gukurikirana neza irangurwa ry’imigambi iriko irashirwa mu ngiro.

• Kumenyesha amakuru ku vyerekeye amagara y’abantu mu mashule no mu miryango.

Igicapo c’iburyo: Amatora y‘abagize Inama Nshingamateka ry‘amagara y‘abantu mw‘ishule ribanza rya Kyonyo 

This article is from: