1/2
Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule • Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule igizwe n’umurwi w’abanyeshule baserukira abandi, bakaba bafashe ingingo yo gukorera hamwe mu guteza imbere imigambi y’iterambere mu mashule yabo. Umwe mu migambi ikomeye n’uguteza imbere amagara y’abantu. • Muri uwo murwi abo bana basabwa gushikiriza ivyiyumviro vyabo atakurya umunwa. Bakora nko mu nama nshingamateka zisanzwe. Ibi bivuga yuko abagize uwo murwi bicara ukwabo akaba ari nabo bemerewe gufata ijambo. Abatarimwo nabo bafise ubwicaro bwabo kandi bategerezwa kwifata nk’abarorezi, ntibemerewe gufata ijambo.
8
Igicapo c’iburyo: Hazel, umwanditsi mu Nama Nshingamateka kw’ishule St Agnes Centre For Education