Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule

Page 1

Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule

Burundi

Ingingo ngenderwako z’ «Urugendo rw’ubuzima» mw’isekeza «Tugwanye indwara y’umutima, dutere ivyamwa!» mu Bugande. Vyanditswe na Gyavira Mwesigwa Bugigi, Paul Anthony Taylor na Paulina Paciorek 1


Igitabu c’ingingo ngenderwako zigenga Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule – Ingingo ngenderwako z’ Urugendo rw’ubuzima mu Bugande mw’isekeza «Turwanye indwara y’umutima, dutere ivyamwa!» Vyanditswe na Gyavira Mwesigwa Bugigi, Paul Anthony Taylor na Paulina Paciorek Umugambi w’inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule mu gihugu c’Ubugande n’umugambi ufise intumbero yo kwigisha abana bakiri bato mu mashule. Uwo mugambi umenyesha yuko intango y’amagara meza ari infungurwa. Ibikorwa vyaranguwe muri uwo mugambi n’umunyamabanga ajejwe ibikorwa w’ico kigo mu Bugande umushingantahe Gyavira Mwesigwa Bugigi, akoranye n’umugambi “Urugendo rw’ubuzima” mu Bugande, vyaragiriye akamaro gahambaye abantu batari bake, vyongera bituma imibereho y’abantu igenda neza gusumba. Nyene igitabu na nyene uburenganzira ni: © 2018 Fondation du Dr Rath pour la santé 2e édition (internationale). Iki gitabu n’ibirimwo bicungerewe, bikagengwa n’amategeko. Ibirimwo birashobora gukoreshwa mu gutanga inyigisho haba mu mashule, mu mashirahamwe yegamiye leta ariko bisaba yuko hosabwa uruhusha rwo kubikoresha. Kirazira kikaziririzwa yuko ibiri muri iki gitabu bikoreshwa mukurondera inyungu canke urundi rudandazwa. Nyene igitabu ni : Dr. Rath Education Services B.V. Postbus 656 NL-6400 AR Heerlen Tel.: 0031-457-111 222 Fax: 0031-457-111 229 E-Mail: info@rath-eduserv.com


Turwanye indwara y’umutima,

#1745/02-061021/KIR

dutere ivyamwa



Igitabu kigenga Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule Ingingo ngenderwako y’“Urugendo rw’ubuzima” mu Bugande mw’isekeza «Turwanye indwara y’umutima, dutere ivyamwa».

Burundi



Urutonde rw’ibirimwo Urupapuro Intangamarara ................................................................................................................................ 07 Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule ............................................................... 08 Ingene Inama Nshingamateka itunganijwe .................................................................................... 12 Kugwiza umwete mu bana ............................................................................................................. 22 Urutonde rw’ivyanditswe ................................................................................................................ 31 Ibindi bitabu hamwe n’ibindi .......................................................................................................... 34

1


Umugambi “Urugendo rw’ubuzima” Umugambi “ Urugendo rw’ubuzima” n’umugambi washinzwe n’ikigo ca Muganga Rath mu vyerekeye amagara y’abantu , iri shirahamwe naryo rikaba ridaharanira inyungu, rikaba kandi ryihaye intumbero yo guhimiriza imigambi mikuru mikuru ifatiye ku bikurikira : amagara y’abantu, amazi meza , amasoko ntanganguvu yubahiriza ibidukikije, ubumenyi n’akazi kuri bose.Isekeza«Turwanye indwara y’umutima , dutere ivyamwa» n’umugambi mpuzamakungu washinzwe n’ikigo ca Muganga Rath mu vyerekeye amagara y’abantu . Intumbero nyamakuru n’ukugwanya indwara biciye mu gufungura neza na cane gufata vitamine C Umugambi «Urugendo rw’ubuzima» mu Bugande washinzwe muri Ntwarante 2015 na Gyavira Mwesigwa Bugigi, inyuma yaho yari ahejeje kumenyeshwa yuko indwara y’umutima iterwa nuko abantu badafungura ibifungurwa birimwo vitamine C ikwiye, vitamine C nayo ikaba iva mu vyamwa,no mu biterwa bimwe bimwe.Umushingantahe Gyavira yaciye atanguza uwo mugambi mw’ishule ritoya St. Agnes mu gisagara ca Mbarara mu burengerazuba bw’igihugu c’Ubugande. Isekeza «Turwanye indwara y’umutima, dutere ivyamwa» rifise umugambi wo gutera ivyamwa, no guteza imbere imiti y’ikirundi.

2


Uwo mugambi ushigikiwe n’abana , abarezi abigisha n’abavyeyi babo , ukaba umaze guteza hafi ibiti vy’ivyamwa bishika 100.000. Ivyo bikorwa bishigikiwe«n’Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule». Abagize uwo murwi w’Inama Nshingamateka baserukira amashule yabo bakaza barabonana bikenewe, ivyo bigatuma bagira urutonde rw’ibikorwa vyo kurangurwa kugira ngo bashobore gushira mu ngiro umugambi bishinze. Abagize uwo murwi bajejwe amabanga atandukanye kandi barazwi bikwiye . N’ikimenyamenya baramaze kwakira abandi banyeshule bava mu bindi bihugu nk’Urwanda n’Uburundi . Umurwi «Urugendo rw’ubuzima» ufise intumbero yo kubandanya uteza imbere uwo mugambi mu gusaba yuko abantu benshi bokwitaba ibikorwa vyawo mu gutera ivyamwa bizana vitamine C ikwiye mu nfungurwa. Ibikorwa birangurirwa mu mirwi yo gutera ibiti vy’ivyamwa, imirwi yo gutera imboga, imirwi ijejwe kuvugana ivyerekeye amagara y’abantu n’iyindi. Ivyo bikorwa bishigikiwe n’ishirahamwe ridaharanira inyungu rya Muganga Dr.Rath mu vyerekeye amagara y’abantu. Iryo shirahamwe ryishinze guteza imbere ivyerekeye amagara y’abantu , ubumenyi n’agateka 3


k’abo bose bitura ba karuhariwe mu vyerekeye amagara y’abantu bakoresheje uburyo kama. Ishirahamwe ridaharanira inyungu rya Muganga Dr. Rath ryashinzwe mu mwaka wi 2002 na Muganga Dr. Matthias Rath, Umunyabwenge kandi akaba n’umushakashatsi mu kurwanya indwara z’umutima, kanseri n’izindi ndwara zitandukanye zibangamira amagara y’abantu. Iryo shirahamwe ryaragize uruhara ruhambaye mu gutanga inyigisho ku vyerekeye amagara y’abantu n’infungurwa kw’isi yose. Muri iki gitabu harimwo ingingo ngenderwako “z’Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule“. Izi nyigisho zateguriwe abigisha canke abo bose bajejwe iterambere mu ngo kandi bifuza gushigikira umugambi “Tugwanye ingwara y’umutima, dutere ivyamwa”. Abanyagihugu, iyo baba hose basabwe gushigikira uwo mugambi wabo kuko ni bo nyene uzogirira akamaro.

4

Igicapo c’iburyo: umwigisha Gyavira yari mu Nama Nshingamateka y’amagara y’abantu kwishule ritoya St. Agnes Centre for Education, aho bari bahejeje gutera ivyamwa mu mirima y’ishule. 


5


Igicapo i bubamfu: Itangwa ry’impapuro z’umutsindo ku banyeshule bagize uruhara rukomeye mu nama Nshingamateka mw’isekeza ryo mu mwaka wa 2017«Turwanye indwara y’umutima, dutere ibiti”. 

6

Igicapo c’iburyo: umunyeshule Brenda ari munsi y’igiti c’ibungo yateye wenyene, aho ni i Kigali mu gihugu c’Urwanda. 


1

Intangamarara • Intumbero nyamukuru y’iri sekeza «Tugwanye indwara y’umutima, dutere ivyamwa » n’ukugwiza ibiti bitanga ivyamwa, ibi navyo bigatuma abantu bafungura vitamine C igwanya indwara z’umutima n’izindi ndwara abantu bashobora kwikingira. • Umuntu umwe wenyene ntashobora gutunganya iri sekeza. Abanyeshule bafise rero uruhara n’akamaro ntangere iyo baronse uburenganzira bwo gushikira inyigisho ijanye n’uwo mugambi. Kukaba nkako nibo baca babandanya gushira mu ngiro ivyo bigishijwe mu mashule. • Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule yatunganijwe kugira ishobore kugirira akamaro abayigize ikongera ikagwiza inguvu, n’ugushaka kw’abayikoraniyemwo.

7


1/2

Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule • Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule igizwe n’umurwi w’abanyeshule baserukira abandi, bakaba bafashe ingingo yo gukorera hamwe mu guteza imbere imigambi y’iterambere mu mashule yabo. Umwe mu migambi ikomeye n’uguteza imbere amagara y’abantu. • Muri uwo murwi abo bana basabwa gushikiriza ivyiyumviro vyabo atakurya umunwa. Bakora nko mu nama nshingamateka zisanzwe. Ibi bivuga yuko abagize uwo murwi bicara ukwabo akaba ari nabo bemerewe gufata ijambo. Abatarimwo nabo bafise ubwicaro bwabo kandi bategerezwa kwifata nk’abarorezi, ntibemerewe gufata ijambo.

8

Igicapo c’iburyo: Hazel, umwanditsi mu Nama Nshingamateka kw’ishule St Agnes Centre For Education 


2/2

Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule • Ibiro vy’uwo murwi bigizwe n’abantu 4 (abahungu 2 n’abigeme babiri) mu mashule avanze, bagatorwa icese mu guharura amajwi. • Abaserukira abandi baca batora: Kizigenza, icegera ciwe, umunyamabanga nshingwabikorwa, uwujejwe umutekano, uwujejwe ugukorera mu mirwi, uwutanga amajambo, n’uwujejwe kwimenyekanisha • Abagize uwo murwi bitana « Nyeniteka» n’ukuvuga «Honorable» mu gifaransa nkuko bigenda mu nama Nshingamateka z’ibihugu.

9


3/2

Intumbero y’Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule • Guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye amagara y’abantu mu mashule no mu ngo ziri mu micungararo y’amashule • Gutegura imigambi yo gushira mu ngiro. • Gukurikirana neza irangurwa ry’imigambi iriko irashirwa mu ngiro. • Kumenyesha amakuru ku vyerekeye amagara y’abantu mu mashule no mu miryango.

10

Igicapo c’iburyo: Amatora y‘abagize Inama Nshingamateka ry‘amagara y‘abantu mw‘ishule ribanza rya Kyonyo 


11


3

Uburyo Inama Nshingamateka irongowe • Perezida • Icegera ca Perezida • Umwanditsi • Uwujejwe umutekano • Perezida ajejwe ibikorwa vyo mu mirwi • Uwutanga amajambo

Ibicapo: Luona na Braise bariko baracungera amatora y‘abazoja mu murwi w‘Inama Nshingamateka y‘amagara y‘abantu 


1/3

Itunganywa ry’imirimo y’Inama Nshingamateka Perezida /Icegera ca Perezida • Perezida acungera amanama yose • Acungera amatora y’abandi batware • Acungera akwongera agatunganya ibiganiro • Acungera amatora ku vyerekeye imigambi ija mu ngiro • Acungera ivyerekeye umutekano n’ihumure mu bagize uwo murwi • Acungera ingene ibiganiro bigenda • Akurikirana ingene ibikorwa bigenda mu migambi itegerezwa gukurikizwa • Aratumira abarongoye amashule nu nama yerekeye amagara y’abantu, infungurwa, isuku n’ibindi…

!

!Perezida niwe ajejwe gukurikirana akandi agasuzuma yuko inyandiko zose zakozwe mu kuri kandi hakurikijwe amategeko


2/3

IMIRIMO Y’INAMA NSHINGWANTWARO y‘Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu Umwanditsi • Yandika ibivuzwe nu nama. • Ashira mu nyandiko ingingo n’amategeko bitunganijwe akwongera agategura ibivugwa uyo munsi (agenda). • Ashikiriza «Beniteka» bose ibiteguwe kuvugwa. • Akurikirana ivyerekeye amatora. • Arungikira amakete imirwi hisunzwe amategeko ngenderwako ya Perezida .

!

Umwanditsi ategerezwa kuronswa ibikoresho bijanye n’ivyegeranyo vy’inama zigizwe, ibibazo vyabajijwe mu nama Nshingamateka.

Igicapo iburyo: umunyeshule Luoana aturuka mu gihugu c‘Uburundi wo kw‘ishule ritoya St. Agnes, ariko aragira urutonde rw‘imbuto baronse 


3/3

IMIRIMO Y’INAMA NSHINGWANTWARO y‘Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu Uwujejwe umutekano • Icungera inyifato nziza mu nama . • Ishira mu ngiro ibihano bifatiwe abanywanyi hakurikijwe ingingo za Perezida

Uwujejwe umutekano • Arongora inama zibera mu mirwi. • akurikirana ibikorwa birangurirwa mu mirwi. • atanga urutonde rw’ibikorwa akongera akamenyesha umwe wese ico ajejwe. • Ashikiriza ivyegeranyo y’ivyaranguwe mu nama hagati y’imirwi.

Umukuru w’ibikorwa vyo mu mirwi • akurikirana ingene umwanya ukoreshwa iyo inama ziriko zirarangurwa

15


4/3

Ingene ibikorwa vy’Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu bikorwa Inyigisho itangwa nu Nama Nshingamateka y’amagara y’abantu  Itunganywa ry’ibikorwa vyo mirwi  Itangwa ry’imbuto  Ishingwa z’amatuta y’imivyaro y’ivyamwa  Iterwa ry’imivyaro (ibiti canke imboga)

16

Ibicapo: Ingabire y’ibiharage n’ivyamwa vyasaruwe bikaba vyari vyatewe n’abana bo mu murwi ugize isekeza «Gwanya indwara y’umutima, tera ibiti» mu gihugu c’Ubugande. 


5/3

Imirwi y’ibikorwa y’imirima mu Nama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule Irangurwa ry’ibikorwa bijanye n’imirima rirakeneye cane ibikorwa birangurirwa mu mirwi mito mito. Umurwi wose ufise uwuwurongoye akaba ari nawe atunganya ibikorwa vyawo Umurwi ujejwe imbuto urongowe n’umukuru wo gukwiragiza imbuto Umurwi ujejwe amatuta urongowe n’umukuru w’amatuta Umurwi wo gutanga inyigisho urongowe n’umunyabanga ajejwe ivyo kumenyekanisha Umurwi w’Indimo – urongowe n’umukuru w‘indimo. Umurwi w’isuku urongowe n’umukuru w’isuku n’imibereho myiza Umurwi ujejwe ugufungura neza urongowe n’umukuru w’infungurwa

17


6/3

UMURIMO w’imirwi y’ibikorwa

IMIRWI Y’IBIKORWA Umurwi w’ingabire y’imbuto

IBIKORWA • Itunganywa ry’imbuto z’ivyamwa • araraba ivyo ivyamwa bikeneye gutegurwa

KIZIGENZA Umukuru w’ububiko bw’imbuto

• Ububiko bw’umwimbu ugizwe n’intete Umurwi wa pikinyeri

• Iterwa ry’imbuto mu matuta

Ibikorwa Nyamukuru

• Araba ivyo vyose vyerekeye amatuta • Itangwa ry’imbuto ku bazikeneye

Umurwi w’inyigisho y’amagara y’abantu

• Gukwiragiza amakuru y’ubuzima kw’ishule no mu banyagihugu • Gutangaza amakuru yerekeye ingingo zifatwa n’Inama Nshingamateka • Gutanga ibikoresho vyo gushikiriza inyigisho ku bana no miryango ibikeneye

Umunyabanga ajejwe kwimenyekanisha


6/3

IMIRIMO y’imirwi Umurwi

IMIRWI Y’IBIKORWA Umurwi ujejwe indimo

IBIKORWA • Itunganywa ry’indimo n’imirima rusangi • Itunganywa ry’umurima w’ivyamwa

KIZIGENZA Umuyobozi w’indimo

• Itangwa ry’ivyamwa iyo vyeze Umurwi ujejwe isuku

• Itunganywa ry’isuku mu mashule no mungo. • Gukora ifumbire ry’ishuri hamwe n’abanyagihugu hakoreshejwe uburyo abantu basanganywe

Uwujejwe amagara y’abantu n’isuku

19


6/3

IMIRIMO irangurirwa mu mirwi

IMIRWI Y’IBIKORWA Umurwi ujejwe infungurwa zitagira akanonzi

IBIKORWA

KIZIGENZA

• Guhimiriza abana gufungura neza, abavyeyi nabo bagategura inzo nfungurwa zikenewe.

Umukuru w’infungurwa

• Kwegeranya ivyiyumviro bijanye n’ingarukambi zivuye ku nfungurwa zidakwiye canke zitabereye. • Gutunganya ibigo bitanga inyigisho zijanye n’infungurwa mu mashule (imihwi, ivyamwa, etc.). • Gusuzuma yuko uburiro bw’abana bufise infungurwa zibereye, abana nabo bakazigura.

! 20

Imirwi ijejwe amagara y‘abantu itunganywa bikenewe!

Igicapo c’iburyo: Ibiharage n‘izindi mbuto: Honoré aturuka mu Rwanda, yariko aravomera ivyamwa 


21


1/4

Guteza imbere umwete w’abana Nkuko bigenda no ku bantu bakuze abana barakeneye kuronswa agashirukabute mu buryo butatu: 1. Ugutahura no kwumva ingorane 2. Agashirukabute 3. Ugushimirwa mu vy’amajambo no guhimirizwa

Igicapo i bubamfu: agashimwe k’umusaruro w’ivyamwa katanzwe n’umunyeshule Brenda agashikiriza Gyavira, Umurongozi w’ikigo “Urugendo rw’ubuzima” iBugande.  Igicapo c’iburyo: umunyeshule asyewe n’akamwemwe bahejeje kubagarira ibitoke kw’ishule ntoya ya Lwebitakuli. 


2/4

Guteza imbere umwete w’abana Ugutahura no kwumva ikibazo • Inyigisho zerekeye amagara y’abantu zagizwe amabanga n’amashirahamwe ya nsumirinda akora imiti. Ayo mashirahamwe akaba aronka uko umwaka utashe inyungu iharurwa mw’ivu ry’amafaranga. Muri ico gihe vitamine C hamwe n’izindi nfungurwa zihambaye ku magara y’abantu ziguma zitera imbere zigaca zigeramira urwo rudandazwa rw’imiti y’ikizungu. • Infungurwa kama niyo nzira itomoye ishobora gutuma abantu bagira amagara meza, mu gihe imiti y’ikizungu ibica bigacika mu kuyatoteza. Imiti y’ikizungu ntivura ingwara ahubwo ipfupfahaza ibimenyetso (imburizi) vy’indwara. Ukudafungura neza niyo nkomoko y’indwara nka zose.

23


Ubuvuzi kama bufatiye ku duce ngirabuzima: niyo mana dufise yo kurandurana n’imizi indwara Inyifato y’amashirahamwe akora imiti y’ikizungu «Kugendana n’indwara» • biyovyabwenge vy’imiti y’ikizungu bihagarika ibimenyetso • Itera izindi ndwara (ingaruka mbi z’imiti) • Yitwararika inyungu gusumba • Yubahiriza ukwigungirako mu vyerekeye ukuvura • Ituma amafaranga akora mu vyerekeye amagara y’abantu aba umurengera Igicapo i bubamfu: abana bo kw’ishule St. Agnes Education Centre bariko baramanika amatangazo kw’ishule yabo. Indwara y’igisukari irashobora gutuzwa.  Igicapo c’iburyo: umwarimu Gyavira ariko yigisha abanyeshule imvo n’imvano z‘indwara y’umutima akoresheje ibicapo. Ibicapo akoresha bivuye muri ya ca cigwa BodyXQ catangajwe n’ Ikigo ca Muganga Dr Rath c’amagara y’abantu. Ibi bicapo vyose n’inyigisho bijanye bikaba biri ku rubuga ngurukana bumenyi bw’ikigo ca Muganga Dr. Rath Health Foundation 


Ubuvuzi kama bufatiye ku duce ngirabuzima: niwo mugisha dufise yo kurandurana n’imizi indwara Intumbero ngenderwako «y’Ubuvuzi kama» • Gutuza imvo z’indwara • Gushigikira ku magara y’abantu, ibi navyo bigakorwa ata nyungu ishizwe imbere • Gushira imbere kwirinda indwara, tukazitira tutaronerwa; • Ingingo nyazo kandi zikwiye mu kugwanira amagara y’abantu • Ukugabanya ibice vy’amafaranga akoreshwa ku vyerekeye amagara y’abantu 25


3/4

Guhimiriza umwete w’abana Udushimwe • Udushimwe dutangwa mu gushimira abantu canke abana bakoze gusumba abandi • Udushimwe dutuma hongerezwa inguvu n’ugushaka kwinshi ku bana mu kurangura neza imirimo yabo. • Udushimwe dushobora gutangwa mu buryo bw’ibitabu, impapuro z’umutsindo canke ivyo vyose bishobora gutuma imirimo irangurwa neza.

Ibicapo: Adrine, yahawe agashimwe mu gikorwa co kwandika neza mu mwaka 2015 «Isahani ibereye mu kugwanya indwara z’umutima 


4/4

Guteza imbere umwete w’abana Agashimwe mu mvugo • Akajambo «Urakoze» ku mwana n’akajambo gakomeye kuko gatuma umwete wiwe utera imbere, ibikorwa bikaboneraho kurangurwa neza • Abana barashima gushimirwa, no kubona batera intambwe baja imbere.

27


5/4

Akarusho – ukwigisha abana igisumba ikindi n’ubushobozi mu vyerekeye imibereho Akarusho kava mu Nama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule ntikagarukira ku gutanga inyigisho yerekeye amagara y’abantu mu kurima ivyamwa canke imboga, ivyo navyo bigatuma amagara amera neza. Ako karusho ni ntangere kararengana izo mbibe: gatuma abana biga kubana n’abandi, kuba mu burundi, gukorana n’abandi mu mirwi, gategura abana ku buzima bw’abantu bakuze. Igicapo c’iburyo: ikiganiro c’Inama Nshingamateka kw’ishule St. Agnes Centre for Education.

28

Igicapo c’iburyo: Inama Nshingamateka ry‘amagara y‘abantu mw‘ishule ritoya St. Agnes 


5/4

Akarusho – ukwigisha abana igisumba ikindi n’ubushobozi mu vyerekeye imibereho Uburorero bw’inyifato ya minsi yose abana baronka mu Nama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule: • Ugukorera mu mirwi – ukwiga gukorera mu mirwi ku bana bose • Uguhanahana ivyiyumviro – kumenya gushikigira iciyumviro, kugisigurira abandi no gushikiriza ijambo imbere y’abandi • Ukumenya gutunganya akazi – Kumenya ingene umurimo urangurwa mu rupfasoni no mu buntu • Umwizero muri wewe – Ugukomeza ukwizera mu bushobozi zina muntu. • Kuba kizingenza – Gutegura akazi no gufata ingingo

29


Igicapo i bubamfu: Gyavira, Umuyobozi w’ikigo “Urugendo rw’ubuzima” arikumwe na bamwe mu banywanyi b’umurwi “Urugendo rw’ubuzima” i Bugande kw’ishule ritoya ry’i Bujaga mu gihe bariko baratanga imivyaro y’ibiti vy’ivyamwa kw’ishule. 


1/5

Itunganywa ry’ivyanditswe

Itunganywa ry’ivyanditswe mu Nama Nshingamateka rirahambaye!

!

Uwurongoye ibikorwa akeneye amaraporo kugira ibikorwa bishobore kurangurwa neza: • Icegeranyo kiraba Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu • Icegeranyo c’ivyinjira n’ibisohoka • Icegeranyo c’amakete • Icegeranyo c’ibikorwa bitegerezwa kurangurwa • Icegeranyo c’ibivugwa nu nama nshingwabikorwa n’ayandi ma nama yose abaho;

31


2/5

Itunganywa ry’ivyanditswe Icegeranyo c’Inama Nshingamateka mu magara y’abantu Ico cegeranyo kirimwo ibikorwa birangurwa mu Nama Nshingamateka mu mashule. Iki cegeranyo kirimwo inyandiko ziva mu nama Nshingamateka. Kirimwo ibikurikira: • Ingene intwaro itunganijwe nu Nama Nshingamateka (ivyo vyose vyerekeye intwaro) • Icegeranyo c’imbuto zitangwa • Ingabire y’imbuto zihawe abana, ivyegeranyo vy’ibikorwa birangurwa mu ngo • Ivyegeranyo ku biciro

32


3/5

Itunganywa ry’ivyanditswe Icegeranyo c’ivyinjira n’ibisohoka Iki cegeranyo harimwo ivyemeza mu nyandiko vy’amafaranga akoreshejwe

Iraporo y’amakete Iki cegerenyo kirimwo amakete arungitswe canke yakiriwe, canke akorewe ngaho mu nama Nshingamateka.

Igitabu c’imigambi Itegerezwa kurangurwa cerekana ibikorwa bizorangurwa, ingene bizorangurwa n’umwanya bitegerezwa gukorwamwo.

!

Ibikorwa vyinshi muri ivyo n’abana kugira bashobore kwumva yuko bari mu murwi. Igikorwa cose gitegerezwa gushika ku ntumbero yategekanijwe nkuko vyateguwe

33


6

‘une alimentation saine et ce qu‘elle fait dans rds de vos cellules ont besoin de votre aide heureuses.

e voyage et découvrez comment tout ce qui se vous travaille pour un avenir sain.

Ibitabu vy’ikigo ca Muganga Dr. Rath mu vyerekeye amagara y’abantu Vos amis s e crets as dans l’anan

Abagenzi binyegeje mu nanasi: ido n’ido ku vyerekeye amavitamine n’ivyunyunyu Mwisomere ibinyegezwa biri mu nfungurwa zitagira akanonzi n’akamaro ntangere izo nfungurwa zifise mu mubiri wanyu. Imiliyaridi nyinshi z’uduce ngirabuzima two mu mubiri zirakeneye abafasha kugira zimererwe neza. Dufatane urugendo mu gutohoza ingene umubiri wacu umera neza iyo uronse infungurwa zibereye. Mirja Holtrop, Matthias Rath M.D.; Impapuro 44, 2004; Ururimi: igifaransa

Indimo Kama - Turime infungurwa ngirakamaro ku magara yacu Mirja Holtrop

Le jardinage biologique :

Iki gitabu kitwereka intambwe imwe imwe mu kurima umurima ubereye kandi ukoresha uburyo kama bwo mu kirundi. Ibiri muri iki gitabu vyegeranijwe hakurikijwe ingene abarimyi ba kera barima. Ubu buryo bwo gutunganya indimo butanga inyigisho kama y’ingene ubuzima n’ibinyabuzima bitunganijwe kw’isi. Infungurwa nyazo ni rwo rufunguzo rw’ubuzima bwiza !

des micronutriments cellulaires pour votre santé

Jardins scolaires ✓ Jardins ✓ communautaire s

Potager

34

Mirja Holtrop Impapuro 96, 2016 Ururimi: igifaransa


Igitabu gitoya c’infungurwa Mirja Holtrop

Mirja Holtrop Impapuro104, 2014 Ururimi: igifaransa

La cause principale de la calcification des artères (athérosclérose) – qui conduit en fin de compte à un infarctus ou une attaque cérébrale- est une th était collègue et ami du double prix carence chronique en vitamines et Dr Linus Pauling (†1994). autres substances cellulaires essendans les millions de cellules du système cardio-vasculaire. Cette carennduit à une défaillance des parois des vaisseaux sanguins (comme c’est pour la maladie des marins, le scorbut) et sur plusieurs dizaines d’anà la création de plaques d’athérome tant redoutées.

re :

pond à vos questions concernant la santé, questions auxquelles la édecine traditionnelle ne peut pas répondre. « Pourquoi faisons-nous s infarctus du myocarde mais pas d’infarctus du nez ? » ,« Pourquoi uffrons-nous d’athérosclérose mais pas de vénosclérose ? », Pourquoi les animaux ne font pas d’infarctus du myocarde, mais les umains si ? »

et fin à l’ère de l’ignorance en ce qui concerne santé. Il met aussi fin a dépendance envers les marchés pharmaceutiques (qui pèsent plusies milliards d’euros). Cette dépendance ne peut subsister qu’aussi longmps que les causes des maladies nous seront cachées.

t le pilier d’un nouveau système de santé, dont le but est de prévenir d’éradiquer les maladies. Ce système est construit par des personnes qui l’on ne peut plus cacher les causes des maladies. Le produit net de la vente de cet ouvrage sera versé à la Fondation du Dr Rath pour la santé et permettra ainsi de développer la recherche et la diffusion d’informations mondiales en ce qui concerne la santé naturelle.

Dr Matthias Rath

La percée dans le domaine de la compréhension des causes des maladies cardio-vasculaires a été réalisée par le Dr Rath, scientifique et médecin de réputation internationale.

Pourquoi les animaux n'ont pas d'attaque cardiaque … mais les Hommes si !

h_FR_Cover_2009_11_02:Cover (D) neu8.qxd 17.11.2009 16:33 Seite 1

BN-10: 90-76332-55-X N-13: 978-90-76332-55-0

Amakuru ahambaye yerekeye infungurwa yegeranijwe mu gitabu ngendanwa.

Dr Matthias Rath

Pourquoi les animaux n'ont pas d'attaque cardiaque … mais

les Hommes, si ! Programme pour un nouveau système de santé

Cet ouvrage traite de l’avancée médicale révolutionnaire qui vise à éradiquer les infarctus, les attaques d’apoplexie, l’hypertension, l’insuffisance cardiaque, l’arythmie, ainsi que d’autres maladies endémiques.

Ni kuberiki ibikoko bitagwara indwara y’umutima … ariko abantu bakayigwara!

«Ni kuberiki ibikoko bitagwara indwara y’umutima … ariko abantu bakayigwara!». Iki gitabu gitanga icegeranyo c’ubushakashatsi rurangiranwa bwagizwe na Muganga Dr. Rath. Avuga ati : ”hamwe ingingo ziri muri iki gitabu zokurikizwa, indwara y’umutima irashobora kuzimangana ubutagisubira inyuma. Matthias Rath, M.D. Impapuro 310, 2015 Ururimi: igifaransa

Dr. Rath Education Services B.V.

35


La Déclaration de Barletta

Faire de la santé naturelle basée sur la prévention un droit humain du Dr Matthias Rath, MD Barletta, italie 19 octobre 2014

D r . rD ar t. hr ahte ha lhteha lF to hu nFDoautni Do ant i o n1

Ingingo y’i Barletta Gukingira indwara bitegerezwa kuba rimwe mu gateka ka zina muntu wese Kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu mu mwaka 2014, harabaye inama ihambaye ibera mu bumanuko bw’igihugu c’Ubutaliyano mu gisagara rurangiranwa i Barletta. Muganga Dr. Rath yari aramutse ashikiriza ikiganiro gihambaye abantu isinzi bava mu mihingo yose y’isi. Mw’ijambo Muganga Dr. Rath yashikirije yaremeje yongera araratunga urutoke imigambi ngenderwako yofatwa kugira ngo abantu barandurane n’imizi indwara nyinshi zitugeramiye, na cane tukagwanya ba sesankuyoze bo mu mashirahamwe adandaza imiti. Muri ico gitabu murashobora gusoma ijambo rya Muganga Dr. Rath mu majambo aramvuye. Dr. Matthias Rath, MD; Impapuro 32, 2014; Ururimi: igifaransa

Amagara y’abantu arashobora kuva mu mitego yatezwe UBUNYENE!

AMAGARA MEZA KURI BOSE KANDI KUBUNTU ! 36


!

Ayandi makuru Harico mushaka kumenya? Mufise uburenganzira bwo kuja ku mihora yacu y’ubuhinga ngurakanabumenyi Internet, muzohamenyera ibintu n’ibindi mu rurimi rwanyu, mu Kirundi. Nta wundi muntu numwe, ndetse nta n’ishirahamwe na rimwe ryari bwashire ubumenyi nkubwo ku mihora ngurukanabumenyi mu KIRUNDI. Abumva igifaransa bashobora no kubisoma kuri iyi miharuro ikurikira :

Movement of Life: http://www.movement-of-life.org

Fondation du Dr. Rath pour la santé : https://www.dr-rath-foundation.org

Librairie du Dr Rath : http://www.drrathbooks.com

37


Burundi

Dr. Rath Health Foundation Tesla 1 6422 RG Heerlen Netherlands

Web: www.dr-rath-foundation.org  Email: info@dr-rath-foundation.org


Turn static files into dynamic content formats.

Create a flipbook
Issuu converts static files into: digital portfolios, online yearbooks, online catalogs, digital photo albums and more. Sign up and create your flipbook.