Amabanga ari mu duce ngirabuzima - M. Holtrop, M. Rath MD - Burundi

Page 1

a g n a a r i b m a u m A r a i b g u n z i e m c a u d

Mirja Holtrop Matthias Rath MD


Amabanga ari mu duce ngirabuzima! © 2010 Dr. Rath Health Foundation Gukwiragiza: Dr. Rath Education Services B.V. Postbus 656 NL-6400 AR Heerlen, Pays-Bas Fax

+31 457 111 119

Email info@rath-eduserv.com Internet: www.drrathbooks.com Abanditsi: Mirja Holtrop, Matthias Rath, M.D. Nyene gukora ibicapo: Bunte Bilder, Germany


Iki gitabu gisigura umubiri wa:


Ni jewe Ndabaramukije! Jewe nitwa Zuko. Mfise imyaka icenda. Mba mu karere ko muri Afrika.

Mushikanje yitwa Owami. Afise imyaka 6. Twese turi mu mashule ariko ntituri mu masomero amwe. Ariko arakina urubugu na mugenzi wiwe

4

Turafise imbwa nziza. Irakunda gukina . Natwe turabikunda.


Data avuye gusenya inkwi zo gucana. Umubanyi wacu aramufasha. Turakunda gufashanya!

Mama arateka inyama Mama wacu azana ivyamwa

5


Data wacu Themba aradufasha gusakara inzu. Inzu yacu ica ikomera ntizosambuka

Turavoma amazi yo mw’irobine kw’i komine. Ni kure cane nico gituma dutana imbu.

6

Urya ni mushikanje Aseza , mu minsi iza azokwunguka ikibondo. Ndamurindiranye n’igishika cinshi. Ariko araganira n’abagenzi.


Uko niko tubayeho Ishule

Agacimbiri (karitiye)

Irya n’ishule yacu. Jewe ndayikunda. Mw’ishule twiga gusoma no kwandika. Mama yama ambwira ngo ni vyiza kuri kazoza kacu. Ariko jewe nkunda cane kwinonora imitsi.

Ehe raba! Ba mama wacu uko ari babiri bariko barahwata ibiraya. Mu kanya turaza gufungura.

Urya mwigeme ariko arajisha ibikemanyi. Abigurisha mu kaguriro (kw’isoko) rimwe mu ndwi, isoko iremye.

Enyi yanyegeje igufa.

Ubwogero bwacu budufasha kugira isuku no kwoza ibintu. Amazi arahambaye cane. Tuyakoresha neza, ntituyasesagura

Hariho umuntu arushe. Numva ariko aragona. Kugona, kugona

7


Amaso Amatwi

Uwo n’umubiri wanje Izuru

Umunwa

Amaboko

Inda Iminwe

Amaguru

Ibirenge

8


Nkoresheje amatwi yanje, ndashobora kwumva ibintu vyinshi, ndumva n’imbwa ziriko zirakuga

Nkoresheje amaso, ndabona ibinkikije, ndabona igisagara

Nkoresheje amazuru, ndamoterwa n’infungurwa.

Nkoresheje umunwa, ndafungura umuhwi.

Ndiko ndacapa igicapo ca Yuliyano. Kugira ndabishobore nkoresha amaboko n’iminwe.

Nkoresha amaguru n’ibirenge mu gukina umupira w’amaguru 9


Ubu naho turabe ibiba imbere mu mubiri wanje!

Igikankara, kigizwe n’amagufa yose yo mu mubiri. 10

Imiringoti itwara amaraso, urusobane rw’imitsi n’amaraso.


Ubwonko bumeze nka ca cuma nyabwonko arico ordinateur mu gifaransa. Ni ububiko bw’ivyo twabonye, kandi butunganya ibindi bintu vyerekeye umubiri nk’inzara, inyota, ubwoba , uburyohe nibindi.

Umutima twowugereranya, n’imashini irungika amazi mu ngo. Amaraso ashika mu bice vyose vy’umubiri kubera hariho ipompo

Igitigu gifise akamaro ntangere mu mubiri, gikora nk’ikigo co kuyungurura amazi mabi. Amaraso aca mu gitigu kugira ngo ayungururwe avemwo ubumara bushobora kugeramira ubuzima bwacu.

Amahaha ameze nk’amadirisha atuma akayaga kinjira mu nzu. Iyo umuntu ahemye, impwemu (oxygene) zica zinjira mu miringoti y’amaraso ihejeje kuyungururwa mu mahaha.

Ubu naho turabe ingene infungurwa dufata zinjira mu mubiri Iyo umuntu afunguye infungurwa zishika mu mushishito zihejeje kugirwa ubunywenywe mu kanwa Mu mushishito ico gikorwa kirabandanya. Iyo infungurwa zishitse mu mara yanje umubiri uca ukuramwo uduce twa nkenerwa, tukinjira mu miringoti y’amaraso, tugaca dufata inzira zo mu bice bitandukanye vy’umubiri.

11


Umubiri wacu ugizwe n’uduce ngirabuzima twogeraranya n’inzu tubamwo Turahejeje kumenya ibice bigize umubiri wacu, none igice cose kigizwe niki? Inyishu kuri ico kibazo iroroshe. Umubiri wacu wose ugizwe n'uduce ngirabuzima aritwo "serire" mu gifaransa. None utwo duce tuba hehe, canke dukora iki? Utwo duce nitwo dutuma ubuzima bubaho. Hinge namwe muvyirabire: Aha ni muri Afrika. Ndazi neza yuko Afrika igizwe n’ibihugu hamwe n’ibisagara. Dukoreshe icuma rugagamisha mu kuraba Afrika. Tubona iki?

12

Dukoresheje ico cuma rugagamisha tubona igisagara gisa mbamwo.

Ehe raba, isi tubako. Dufate yuko iyi yoba ari umubiri wanje.

Raba aha, murabona umutima. Umutima kiri mu bihimba bihambaye vy’umubiri. Urungika amaraso mu mubiri wose, nka kurya amashirahamwe ajejwe amazi nka Regideso arungika amazi mu ngo zose

Dukoresheje icuma rugagamisha, turashobora kubona igisagara nkico mbamwo


Muravye ngaha, muca mubona igisagara neza.

Hinge turabe imbere! N’igitangaza: umengo n’inzu yacu! Afrika n’umubiri wawe birafise ico bipfana. Raba neza! Afrika imeze nk’umubiri wawe, igisagara kimeze nk’ibice vy’umubiri wawe, nayo inzu imeze nka agace ngirabuzima ariko serire.

Uduce ngirabuzima dusa nk’inzu zo mw’ikomine iwacu.

Iyo twihweje neza ingene agace ngirabuzima gateye, turabona yuko gafise ubuzima. Hariho abafasha baba mu duce twose. Nibo bakora akazi gakorwa ngaho. 13


Uduce ngirabuzima tumeze kimwe

Amahaha

Ubwonko

Umutima Iyo umuntu aravye neza ingene ibihimba vy’umubiri bimeze, vyose birimwo uduce ngirabuzima. Utwo duce twose tumeze kandi dukora kimwe. Uduce ngirabuzima twose turonka infugurwa ziciye mu maraso.

Umushishito

Umushishito Igitigu

14


s

b’u

fash Abaitam a in e a v

b

v

Ibitwazi nfungurw y ’i

a

Dutanguriye mu mushishito no mu mara, dutwara infungurwa ziciye mu maraso zerekeza mu duce ngirabuzima. Infungurwa zivuye mu maraso zica zija muri serire. Duca tuzishikiriza abafasha b’uduce ngirabuzima.

f as Aba gi ha c e n r a b uz du

a im

Turabe ingene uduce ngirabuzima dukora ku munsi ku munsi: dufise abafasha b’ubwoko butatu. Agace kamwe kose gafise abafasha bako.

Hinge ducumbike mwiserire. Turateka, tugakira isuku, turakora n’icononekaye. Kuri ivyo turakeneye infugurwa zica mu maraso hamwe n’abafasha babo.

Vitamine zimeze nk’udusaho twuzuye infungurwa. Twinjira mu duce ngirabuzima duciye mu mushishito no mu mara. Vitamine zirahambaye ku buzima bw’abantu kuko hamwe zitoba zihari nta buzima bwoba buriho, kuko nta n’inguvu umuntu yosubira kuronka.

15


Uduce ngirabuzima turakeneye infungurwa n'inguvu zivuye Twarakinye umupira w’amaguru. Vyari biryoshe.

Iyo ushonje, duca duhamagara kugira baduhe infungurwa. Ubwonko buca bubibona bugaca burungika ikimenyetso: inzara. Abafasha ba vitamine ni batoya cane ku buryo ubwonko budashobora kubumva. Hariho vitamine zaduteguriwe?

Ndashonje!

Muri kino gihe ntibiboneka!

16

Raba inda yanje ingene imeze, raba iwawe iyo ushonje.

Ndashonje!

Vuga semerera, turakeneye infungurwa! Turungikire infungurwa!

Emwe mwa dusore tuzana vitamine kubera iki mudasemerera musaba infungurwa?

Ntibishoboka! Turi batoya cane nta numwe ashobora kutwumva.


muri vitamine kugira tubeho! Ehe raba, fungura ibi bisuguti.

Murakoze!

Na vitamine zoba zirimwo? Oya, nta vitamine ziri mu bisuguti.

Raba ibiba mu mushishito: kubera ibisuguti ibitwazi bica bigira akazi kenshi.

Uragaba, nta nzara ya vitamine ushobora kwumva. Wewe nyene ukwiye kwitwararika kugira abafasha ba vitamine bame bafise akazi.

Hamagara rero usabe vitamine.

17


Ibinyegezwa vyo mu mucungwe Naronse umucungwe nza gufungura duhejeje gukina umupira w’amaguru. Mama yama avuga yuko imicungwe ari infungurwa nziza. Hmm, ufise akanovera!

Ehe, mwa bafasha mwe, nimufate vitamine! Fata akayira, genda mu duce ngirabuzima!

Oyeeeeee!

Twari tubarindiriye

Turaryohewe!

18

Turabe mu mushishito.


Ingo ngaha twari tubarindiriye

Amaboko

Amaguru

Ubwonko

Amaso

Raba, abafasha bakiri bato, bariko bariruka kugira bafate urugendo. Turaruhutse, turashobora gushikiriza ibintu.

Igitigu

Umutima

Amahaha

Mwiteguye ngo tugende? Egoooo!

19


Inzira infungurwa zifata kugira zishike mu Aho murabona ingene udusaho dutwara vitamine gushika mu duce ngirabuzima

Ehhhh, twari tubarindiriye!

Mbwira ikintu kimwe, iyo mudashoboye gushikiriza ico mushatse, Zuko amenya gute yuko hariho ikitagenda neza? Nta kintu na kimwe dushobora ata vitamine zihari!

Nta kintu na kimwe umuntu yumva ubwo nyene, avyumva haheze igihe, iyo aciye agwara.

Umutima 20


duce ngirabuzima

Ndasubiriye kuronka inguvu zo gusanura isakazo ry’inzu.

Umutima

IBIMENYESHEJWE: Ibihimba vy‘umubiri bigizwe n’uduce ngirabuzima. Iyo uduce ngirabuzima turonse infungurwa zibereye, ibihimba vy’umubiri bimererwa neza.

Murakoze, ndashobora kubandanya akazi ko guteka

Mwari hehe?

Hari igisuguti kimwe, twategerezwa kurindira imicungwe.

21


Nta vitamine zihari? Birababaje! Zuko ndakubaze ikintu kimwe, umuntu ashikirwa n’iki iyo adafunguye infungurwa zibereye?

Mbega urazi inkuru yerekeye indwara ya scorbut?

22

Ntimwategerezwa kubigira, kuko uduce ngirabuzima duca dutangura kugoyagoya.

Haheze igihe uca usubira kugwara.

Oya !! Scorbut? N’ukuvuga iki?

Scorbut yari indwara ifata ingenzi zo biyaga zikoresheje ubwato. Vitamine zifise uruhara rukomeye mu kuyigwanya. Tahura neza:


Scorbut — canke umuvumo w’abagendera mu bwato

23


Hari mu mwaka wa 1661 mu gihugu ca Espanje. Kizigenza w’ubwato yitwa Sanchez n’abo bagendanye mu rugendo rwabo bashaka gusensangura ibiba mu bindi bihugu. Bagiye batwaye urugezo rw’amazi atari make, ibisuguti infungurwa z’intozo yabo. Baca baragenda.

Ibisuguti

Amazi

24

Ibisuguti vy’intozo

Amazi

Ibisuguti


Bwa bwato nyene, ba bantu nyene babutwara haheze amayinga 10. Haheze amayinga ashika 10 abari mu bwato bafashwe n’indwara itangaje. Batanguye kuva amaraso, amenyo atangura kuva mu gutsina cayo, imishatsi itangura kuvunguka. Nta muntu numwe yamenye igituma. Bari bagisigaranye amazi yo kunywa, ibisuguti murumva yuko ata nzara bari bafise. Igitangaje ariko nuko iyo ndwara yabandanije ibakomerana, babandanya bagoyagoya. Uwari arongoye ubwo bwato Capitaine Sanchez yaragerageje gufasha ariko na wenyene yabandanije agoyagoya . Ariko haravuyemwo umwe yagumye akomeye ni ya ntozo. Bose baguye mu gahundwe.

Niwewe umeze neza gusa

25


Capitaine Sanchez yaratevye arabona isi, aca arategura guhagarara. Ariko bose bakigoyagoya barateba barashika kw’isi. Basanzeho ba kavukire baca barabazimana barabafasha mu buzima bwa minsi yose.

26


Bakavukire barabafashije kuvura indwara, y’ibisebe. Mu minsi yakurikiye bararonse ivyamwa vyinshi bafungura, imboga zitotahaye baca baratora utuguvu. Umukuru w’abasangwa yarateguye urubanza barafungura bararyoherwa baratamba baratarika iruhande y’igicaniro.

27


Abari mu bwato bararyohewe ariko hariho agahaze kuko imiryango yabo yari kure kandi bose bifuza gutaha iwabo. Abasangwa barabafashije gutekera ibintu vyabo tutibagiye impamba zabo, bongera bashiramwo ivyamwa n’imboga nyinshi. Ya ndwara yaciye izimangana. Imiryango yabo yarasubiriye kubabona irabagwa mu nda. None twokura izihe nyigisho muri iyo nkuru? Inyigisho ya mbere nuko intozo ntizigwara scorbut. Inyigisho ya kabiri nuko ivyamwa n’imboga vyakijije izo ngenzi zo mu bwato.

28


Murashaka kumenya igituma intozo yagendera mu bwato itanduye iyo ndwara ya scorbut? Inyishu kuri ico kibazo iratomoye: umubiri w’intozo, co kimwe n’ibindi bikoko urahingura ubwayo ama vitamine amwe amwe. Ntibikeneye ibitwazi vya vitamine zisa n'umuhondo mu mubiri wazo. Raba kuri ico gicapo vitamine ziramera ku giti kiri mu mubiri, nta vitamine yo mu ndimo ikenewe. Aha murabona abafasha b’intozo yagendera mu bwato.

29


Abantu ntibafise ubushobozi bwo guhingura vitamine C. Ehe raba ingene ibintu bigenda iyo uduce ngirabuzima tutaronse vitamines: abakoresha baca baruha ntibabe bagishobora kugaburira uduce ngirabuzima aritwo serire. Serire zica zononekara.

30

Iyo dusubiye tugafungura vitamine, raba ingene ibintu bigenda: abafasha bose baca baryoherwa, bakagira inguvu bagaca basubira ku mirimo yabo.


Iyo niyo mpamvu yatumye intozo igumana amagara meza Ubu naho murazi ivyashikiye ingenzi zo mu bwato igihe zafungura ivyamwa.

Nukuvuga rero yuko iyo tudafunguye vitamine, twa duhungu dutwara imizigo ya vitamine tuzana inguvu nkeeeeeya cane ku duce ngirabuzima tw’umubiri wacu

Ikindi naco nuko abakozi bo mu duce ngirabuzima bagoyagoya.

Ego, bivuye ku kubura vitamine C

Umubiri wacu ntushobora guhingura Vitamine C

Bagenzi banje hinge ndabasigurire infungurwa dukwiye gufungura!

Serire zica zitituka, umubiri wacu nawo ukagwara.

31


Nimwuzuze uduce ngirabuzima two mu mubiri wanyu mushiremwo inguvu zituruka kuri vitamine! Uzuza serire z’umubiri wanyu muzihe inguvu zivuye muri vitamine. Ufunguye ivyamwa n’imboga bikwiye nkibi mubona, ibitwazi vy’imizigo ya vitamine bituma serire ziryoherwa, umubiri ukaboneraho.

Itomati

Imizabibu Indimu

Isoja

Imihwi

Abrico

Peche

Ibigori Umucungwe munini Ivoka

Ibiharage Ipasteki Ibiyoba Poire 32

Ikaroti


Igihwanya

Ibijumbu

Imyembe

Imicungwe Ibitunguru

Ipome

Iyo serire zimerewe neza, n’umubiri umererwa neza!

Umuceri

Ifi

un gu r i nf mu ra be

Ni

Inanasi

Inyama y’inkoko

Amata

wa

Isalade

r

a z e

i z a w t i ib

v

zi n

ez e

Ndihuta nifuza gushikiriza infungurwa serire!

a vy

u y n u y un y v di n i ’ ib n e n i Iporici m a it

Umukate

Avwane Noix

33


Iyo serire zimerewe

N’umwigeme mwiza!

Ehe raba umucungwe, Owami.

Urakoze!

34

Eh, ufise umwana mwiza!


neza, n’umubiri umererwa neza!

Agacimbiri (karitiye)

Ishule

Egoooo! Ingo, tugende gukina umupira w’amaguru! Tugende gutera igiti c’indimu!

Ibiterwa birakeneye amazi ngo bikure

Intozo irahingura vitamines ikoresha mu mubiri. Ntikeneye kurya ivyamwa, yirira inyama cane cane.

None nofungura iyi pome canke ndayitere?

Urashobora gufungura ipome hanyuma ugatera imbuto.

35


Ubu harageze yuko utangura nawe! Shira intoke ku rupapuro uce utangura gucapa uzunguruka intoke. Shira iminwe ku meza uce utangura gucapa.

36


Hindukiza ucishe hirya no hino y’infugurwa Nizihe nfungurwa zirimwo vitamine nyinshi? Shira ikimenyetso ku nyinshu nziza!

37


Amakosa 10!!! Gereranya ivyo bicapo bibiri! Hariho ubudasa bushika 10 kuri ivyo bicapo? Nubuhe?

38


Ivyamwa n’imboga Shiramwo amabara kuri ivyo vyamwa n’imboga wongere uzivuge amazina!

39


Tora amajambo anyegejwe muce muyandika mu rubugu Rondera amajambo abereye! Koresha indome zifise ibiharuro uzishira mu tuzu twazo. Amajambo uza kuyatora uyatandukanije nkuko bikwiye. Uyashire mu kibanza cayo. Amajambo yose avuga atora izina ry’igitegwa…

N’izina ry’intozo ya Zuko. 6

Umugabane 9

Mushiki wa Zuko 15

Indwara y’ingenzi zo mu bwato 1, 3, 12

Icamwa gisosa gisa n'umuhondo iyo gihiye 8, 14

Iki gice c’umubiri kirungika amaraso mu miringoti y’amaraso

15

10, 16

Indoto n’ibindi vyibutso bibikwa muri ico gice c’umubiri 11

Ijambo mwakuyemwo 1

40

2

3

4

5

6

7

8

9

10

11

12

13

14

15

16


Igicucume c’ivyamwa Wewe n’uUmugenzi wawe mukeneye ibi bikurikira: Ipome 2 Imicungwe 2 Imihwi 2 Kiwi 2 Icamwa ca meloni 1 Indimu 1 Ubishatse urongeramwo: ibiyiko 4 vy’amata Urashobora gusaba umuvyeyi wawe akabigufashamwo

1.

Katagura ipome mu duce duto duto. Ronga neza ntimukureko igishishwa kuko niho hinyegeje vitamine nyinshi.

4. Katagura indimu

mu bice bibiri; kuramwo amazi yayo uce uyongera mu gicucume wakoze.

3.

2. Ku bindi

vyamwa urashobora kubitonora. Bikatagure mu duce duto duto (indimu ntirimwo).

Bishire mw’isahani ifukuye.

5. Ongeramwo

ibiyiko 4 vy’amata, vanga vyose.

41


Nibihe biremwa bihingura ubwavyo vitamine C? Tora inyishu nziza!


Umuntu yotera gute igiti c’indimu canke umucungwe 1. Rondera intete z’ivyamwa, icamwa gishobora kuba umucungwe canke indimu. Imbuto 8 canke 10 zirakwiye mu gutangura.

4. Mubwirizwa kurondera ahantu ata muyaga uriho kandi mu gitutu.

7. Haheze indwi zitatu, imivyaro izoca itangura gukura.

2. Anikira imbuto hafi iminsi 10 canke 14

3. Shira za mbuto mu gikopo kirimwo amazi hafi amasaha 6.

5. Imba utunogo dutoya ushobora gukwizamwo intoke zibiri uja mu kuzimu. Shira mu kinogo kimwe kimwe urubuto rwamaze kuma.

8. Hazohera igihe kitari gito kugira iyo mivyaro ibe ibiti binini gushika naho muzotangura kwimbura. Ntimwibagire kuza murayivomera rimwe rimwe bikenewe. Muzobona ingene indimu n’imicungwe bikura ku munsi ku munsi.

6. Vomera izo mbuto iminsi yose.


Uduce ngirabuzima - ibanga ry’ubuzima Umubiri wacu ugizwe n’imiliyoni nyinshi z’uduce ngirabuzima. Turashobora gutangara iyo tubonye ingene tureha canke turi banini, ariko natwo tukaba dutoya cane ku buryo tudashobora kutubonesha amaso mazima. Iki gitabu kitwigisha akamaro ko kugira uduce ngirabuzima dukomeye n’ico twokora kugira tugume ari tuzima. Ivyo bidutuma tumenya ikinyegezwa gihambaye: uduce ngirabuzima twacu n’ubuzima bwacu bwo ku munsi ku munsi birafise isano igoye kwemera umuntu adakerebutse ngo arabe neza!

Iki gitabu kiri ku rutonde rw’amasekeza yacu ajejwe kwigisha no gutahura ku bana bakiri bato amagara y’abantu n’infungurwa.

Dr. Rath Health Foundation


Turn static files into dynamic content formats.

Create a flipbook
Issuu converts static files into: digital portfolios, online yearbooks, online catalogs, digital photo albums and more. Sign up and create your flipbook.