Loi Publication

Page 1

GUIDE PRATIQUE DE LA CVR ET DE LA PROTECTION DES VICTIMES, DES TÉMOINS ET DES PERSONNES EN SITUATION DE RISQUE AU BURUNDI ICEGERANYO NGENDERWAKO C’UMUGWI W’UGUTOHOZA UKURI N’UKUNYWANISHA ABARUNDI HAMWE NO GUKINGIRA ABAKOREWE IVYAHA, AMASURA N’ABANDI BANTU BASHOBORA KUBANGAMIRWA

1


2


PREFACE

INTANGAMARARA

La Commission Vérité et Réconciliation (CVR en sigle) est à pied d’œuvre depuis le mois de décembre 2014.

Umugwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi (CVR mu mpfunyapfunyo), uri ku kivi kuva muri Kigarama umwaka wa 2014.

L’architecture légale sur laquelle la Commission repose, quant à son existence et ses prérogatives, est constitué principalement de deux Lois à savoir:

Ametegeko ngenderwako yerekana intumbero n’ububasha bw’uwo murwi ni abiri: - Itegeko 01/18 ryo ku wa 15 Rusama 2014 ryerekeye ishirwaho ry ‘umugwi CVR, ivyo ujejwe, ingene utunganijwe, n’ingene ukora. - Itegeko n 1/04 ryo kuwa 27 Ruheshi 2016 ryerekeye ingene abahohotewe, ivyabona hamwe n’abandi bose boba babikeneye bokingirwa.

- La Loi n 1/18 du 15 mai 2014 portant Création, Mandat, Composition, Organisation et Fonctionnement de La Commission Vérité et Réconciliation - La Loi n 1/04 DU 27 juin 2016 portant protection des Victimes, des Témoins et d’autres Personnes en situation de risque.

Mu bikorwa vy’umwiteguro vy’umugwi CVR, uwo murwi wararinganije isekeza ryo guhimiriza Abarundi bose, mu ntumbero yo kubasigurira ayo mategeko n’ingene ibikorwa bitunganije, maze bashobore gukurikiranira hafi ibikorwa vyawo, kandi banawushigikire.

Durant la phase préparatoire de ses activités, l a CVR a organisé une campagne de sensibilisation au niveau de toutes les couches de la population burundaise, en vue d’une appropriation effective de ses missions, et de son adhésion.

Mu biganiro vyahuje umugwi CVR n’abanyagihugu bo mu mihingo yose, barerekanye inyota bafise yo kumenya ido n’ido ayo mategeko twavuze, kuko vyoheza bikaborohera gukurikiranira hafi ibikorwa vy’umugwi.

Au cours de cette campagne, les participants ont exprimé le besoin d’être informés dans les détails sur les deux lois précitées, pour pouvoir suivre de près les activités de la CVR qui sont porteuses d’espoir, pour l’avenir du pays.

Ni mu ntumbero rero yo kwitaba ako kamo, umugwi CVR wahavuye ufata ingingo yo gushira mu gatabo kamwe ayo mategeko awugenga, mu ndimi zibiri, ikirundi n’igifaransa. Maze ako gatabo gakwiragizwe mu gihugu cose.

C’est donc pour répondre aux désidératas de la population, que la CVR a jugé bon de compiler ces deux textes de lois en versions française et kirundi dans un seul livret en vue d’une large vulgarisation.

Ayo mategeko ni kirumara mu buzima bw’igihugu, kubera yerekana neza

En effet, la promulgation de ces deux

3


lois a marqué un tournant décisif dans l’histoire du Peuple Burundais qui a pris la ferme résolution d’en découdre définitivement avec les graves violations des droits de l’Homme et du droit international humanitaire qui ont l’ont endeuillé de façon cyclique.

ko Abarundi bahisemwo kuvavanura n’ingendo igayitse yo guhohotera agateka ka zina muntu, no guhonyanga amategeko mpuzamakungu yerekeye ako gateka nyene. Abarundi rero bakaba baratahuye ko ukudasonera agateka ka zina muntu atakindi vyamariye igihugu atari ukugihekura.

Ainsi, la loi n 1/18 du 15 mai 2014 donne mandat à la Commission Vérité et Réconciliation d’enquêter et établir la vérité sur les violations graves des Droits de l’Homme et du Droit International Humanitaire commises depuis le premier juillet 1962, date de l’indépendance, jusqu’au 4 décembre 2008 date qui marque la fin de la belligérance, avec la signature du cessez- le-feu définitif par le dernier mouvement rebelle.

Itegeko rigenga umugwi ujejwe gutohoza ukuri kuri kahise no kunywanisha Abarundi, riha umo murwi CVR ububasha bwo kurondera ukuri ku mabi yose yahonyanze agateka ka zina muntu kuva Uburundi bwikukira (ku wa mbere Mukakaro 1962) gushika ku wa 4 Kigarama 2008 aho umugwi wari ukirwana washira ibirwanisho hasi. Ico gikorwa co kurondera ukuri kuri kahise k’Uburundi kirangiye, umugwi CVR uzokwandika urutonde rw’ amazina y’ abahitanywe nayo mabi, urw’ abatazwi irengero ryabo, urw’abahohotewe ku buryo butandukanye, urw’ivyabona, urw’ abagirizwa ayo mabi mugabo bagiriwe ikigongwe, n’urw’abantu bagize uko bashoboye kose ngo batabare kiremwa muntu batishimikije ubwoko canke intara.

A la fin de son mandat, la CVR devra publier les listes des personnes disparues ou assassinées et celle des victimes et des témoins qui renonceront à l’anonymat, la liste des personnes autant burundaises qu’étrangères qui se sont distinguées dans la protection des vies humaines pendant les différentes crises et la liste des victimes qui ont accordé le pardon. Bien plus, la CVR devra proposer un programme de réparations, l’érection de monuments de la réconciliation et de la mémoire, mais surtout des réformes des institutions pour garantir la non répétition des événements du passé, afin de bâtir une société burundaise juste et démocratique.

Umugwi uzotanga impanuro z’ingene abahohotewe boshumbushwa, uzosaba ko hokwubakwa ivyibutso vy’amabi yose yabaye, cane cane uzotanga impanuro zirashe z’ingene igihugu cotwarwa mu ntumbero yo kuvavanura n’indyane mu gihugu. Iyindi ntumbero y’umugwi izoba iyo gufasha gusubiramwo kwandika kahise k’igihugu kuburyo buzokwemerwa na bose, maze kahise k’Uburundi kigishwe mu gihugu no mu mashule.

L’autre aboutissement sera de contribuer à la réécriture de l’histoire du Burundi la plus largement partagée, pour une visée pédagogique. Quant à la Loi n 1/ 04 du 27 juin 2006, elle découle de la loi portant Création, Mandat, Composition, Organisation et Fonctionnement de la CVR. Elle dispose en effet à son article 37 que la Commission met en place une unité de protection et d’assistance des victimes et des témoins.

Itegeko rigenga umugwi wo gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi rirategekanya mu ngingo yaryo igira 37 ko abahohotowe, ivyabona, eka nabo bose babikeneye bokingigwa. Ni muri iyo ntumbero rero itegeko nomero 1/04 ryo ku wa 27 Ruheshi 2006 ritegekanya ko, umugwi CVR muvyo ukora vyose, ubanza kuraba ko abaje kuwitura atacobahungabanya

Cette loi vise à s’assurer que tout le long

4


de l’exercice de ses missions, la CVR soit en mesure de préserver la sécurité, le bien être physique et psychologique, la dignité et le respect de la vie privée des victimes, des témoins et des autres personnes à risque.

haba mu buzima bwabo, canke mu gateka kabo. Aka gatabo rero kazogirira akamaro uwo wese azoba yipfuza gutahura no gukurikiranira hafi ibikogwa vy’umugwi CVR.

Le présent livret constitue un outil précieux, pour tous ceux qui voudront en savoir davantage sur le contenu des lois qui régissent la CVR en vue de saisir les tenants et les aboutissants de toutes ses actions.

Umugwi CVR uboneye ho akaryo ko kumenyesha ko, iki gikorwa co kwandika aka gatabo, ari ikimenyetso kigaragara cerekana ugufashanya kuri hagati ya CVR n’ibiro vy’uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gisata co kwubahiriza agateka ka zina muntu (OHCDH, mu mpfunyapfunyo). Ivyo biro nivyo bijejwe ugukurikirana no kwegeranya intererano z’abasanzwe bafasha Uburundi bifuza gushigikira ibikorwa vya CVR, haba mu buryo bw’ubuhinga, haba mu buryo bw’ibikoresho, no mu buryo bw’amafaranga. Ni naco gituma umugwi ujejwe ugutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi ushimiye bimwe bivuye ku mutima ivyo biro, vyakoze uko bishobora kwose ngo aka gatabo kandikwe.

Enfin, la Commission Vérité et Réconciliation tient à souligner que cette publication est le fruit de la bonne collaboration qui caractérise ses relations avec le Bureau de l’Office du Haut Commissariat des Nations Unies pour les Droits de l’Homme au Burundi. Ce bureau assure la coordination des partenaires techniques et financiers qui adhèrent au projet global d’appui aux activités de la CVR. La CVR voudrait saisir cette précieuse occasion pour exprimer sa profonde gratitude à l’Office du Haut Commissariat des Nations Unies pour les Droits de l’Homme au Burundi pour son appui technique et financier.

Umugwi CVR urashimiye kandi uwo wese yagize ico aterera muri kino gikorwa kijanye no guhingura aka gatabo.

Que tous ceux qui ont contribué de près ou de loin à la réalisation de cet ouvrage, trouvent ici l’expression de nos sincères remerciements.

Musenyeri Johani Ludoviko NAHIMANA Umukuru w’umugwi ujejwe ugutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi

Monseigneur Jean Louis NAHIMANA Président de la Commission Vérité et Réconciliation

5


REPUBLIQUE DU BURUNDI

REPUBLIKA Y’UBURUNDI

CABINET DU PRESIDENT

IBIRO VY’UMUKURU W’IGIHUGU

LOI N°1/18 DU 15 MAI 2014 PORTANT CREATION, MANDAT, COMPOSITION, ORGANISATION ET FONCTIONNEMENT DE LA COMMISSION VERITE ET RECONCILIATION

IBWIRIZWA INOMERO 1/18 RYO KU WA 15 RUSAMA 2014 RISHINGA UMUGWI W’UGUTOHOZA UKURI N’UKUNYWANISHA ABARUNDI, AMABANGA USHINZWE, ABAWUGIZE, INGENE UTUNGANIJWE N'INGENE UKORA

LE PRESIDENT DE LA REPUBLIQUE,

UMUKURU W’IGIHUGU,

Vu la Constitution de la République du Burundi;

Yihweje Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’Uburundi;

Vu l’Accord d’Arusha pour la paix et la réconciliation au Burundi;

Yihweje Amasezerano y’i Arusha yerekeye ukugarukana amahoro n’ukunywanisha Abarundi;

Vu la loi n°1/014 du 22 septembre 2003 portant missions, composition, organisation et fonctionnement de l’observatoire national pour la prévention et l’éradication du génocide, des crimes de guerre et autres crimes contre l’humanité et de l’exclusion;

Yihweje Ibwirizwa inomero 1/014 ryo ku wa 22 Nyakanga 2003 rishinga Urwego rw’igihugu rujejwe ugukinga n’ukurandurana n’imizi ihonyabwoko, ivyaha bikorwa mu ntambara n’ibindi vyaha vy’agahomerabunwa n’ivy’ugukumira, imirimo yarwo, abarugize, ingene rutunganijwe n’ingene rukora;

Vu la loi n°1/022 du 21 novembre 2003 portant immunité provisoire de poursuites judiciaires en faveur des leaders politiques rentrant de l’exil;

Yihweje Ibwirizwa inomero1/022 ryo ku wa 21 Munyonyo 2003 ryerekeye ukudahangarwa n’ubutungane vy’imfatakibanza ku ndongoziz’abanyeporitike bahungutse bava mu mahanga;

Vu la loi n°1/32 du 22 novembre 2006 portant immunité provisoire de poursuites judiciaires en faveur des membres du mouvement signataire de l’Accord de cessez-le-feu du 7 septembre 2006;

Yihweje Ibwirizwa inomero 1/32 ryo ku wa 22 Munyonyo 2006 ryerekeye ukudahangarwa

Vu la loi n° 1/05 du 22 avril 2009 portant révision du Code pénal, tel que modifié à ce jour;

n’ubutungane vy’imfatakibanza kw’abari mu bagize

6


Vu la loi n°1/10 du 3 avril 2013 portant révision du Code de procédure pénale;

umuhari washize umukono ku masezerano yo guhagarika intambara yo ku wa 7 Nyakanga 2006;

Vu la loi n° 1/31 du 31 décembre 2013 portant révision de la loi n° 1/01 du 04 janvier 2011 portant missions, composition, organisation et fonctionnement de la Commission Nationale des Terres et autres Biens;

Yihweje Ibwirizwa inomero1/05 ryo ku wa 22 Ndamukiza 2009 rihindura Igitabu c'amategeko mpanavyaha, nk’uko cagiye kirahindurwa gushika ubu; Yihweje Ibwirizwa inomero1/10 ryo ku wa 3 Ndamukiza 2013 rihindura Igitabu c'amategeko yerekeye ingene imanza z'ivyaha zitohozwa, ziburanishwa n’ingene zicibwa;

Revu la loi n°1/021 du 27 décembre 2004 portant missions, composition, organisation et fonctionnement de la Commission Nationale pour la Vérité et la Réconciliation;

Yihweje Ibwirizwa inomero 1/31 ryo ku wa 31 Kigarama 2013 risubiramwo Ibwirizwa inomero1/01 ryo ku wa 4 Nzero 2011 rishinga imirimo y’Umugwi w’igihugu ujejwe amatongo n’ayandi matungo, abawugize, ingene utunganijwe n’ingene ukora;

Vu l’Accord Global du Cessez-le feu entre le Gouvernement de la République du Burundi et le mouvement CNDD-FDD du 16 novembre 2003; Vu l’Accord Global de cessez-le-feu entre le Gouvernement de la République du Burundi et le mouvement Palipehutu-FNL du 7 septembre 2006;

Asubiye kwihweza Ibwirizwa inomero 1/021 ryo ku wa 27 Kigarama 2004 rishinga Umugwi w'igihugu ujejwe ugutohoza ukuri n’ukunywanisha abarundi, imirimo yawo, abawugize, ingene utunganijwe n'ingene ukora;

Vu l’Accord cadre entre le Gouvernement et les Nations Unies portant création du Comité de pilotage tripartite (CPT) chargé des consultations nationales sur la justice de transition au Burundi, signé le 2 novembre 2007;

Asubiye kwihweza Ibwirizwa inomero 1/021 ryo ku wa 27 Kigarama 2004 rishinga Umugwi w’igihugu ujejwe ugutohoza ukuri n’ukunywanisha abarundi, imirimo yawo, abawugize, ingene utunganijwe n’ingene ukora ;

Vu l’Accord global de cessez-le-feu entre le Gouvernement de la République du Burundi et le mouvement FNL du 4 décembre 2008; Vu le rapport des Consultations nationales sur la mise en place des mécanismes de justice de transition au Burundi;

Yihweje Amasezerano y’uguhagarika burundu intambara hagati ya Reta y’Uburundi n’Umuhari CNDD-FDD yo ku wa 16 Munyonyo 2003 ; Yihweje Amasezerano y’uguhagarika burundu intambara hagati ya Reta y’Uburundi n’Umuhari Palipehutu-FNL yo ku wa 7 Nyakanga 2006 ;

Le Conseil des Ministres ayant délibéré ; L’Assemblée Nationale et le Sénat ayant adopté;

Yihweje Amasezerano nshingantumbero hagati ya Reta n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ashinga Komite y’inyabutatu (CPT) ishinzwe biganiro biha ijambo abarundi ku vyerekeye ubutungane bubereye mu bihe vyo kuva mu ruhagarara, yashizweko umukono kw’igenekerezo rya 2 Munyonyo 2007; Yihweje Amasezerano y’uguhagarika intambara burundu hagati ya Reta ya Republika y’Uburundi n’Umuhari FNL yo ku wa 4 Kigarama 2008; Yihweje icegeranyo c’ivyavuye mu biganiro biha ijambo abarundi ku vyerekeye ugushiraho inzego

7


z’ubutungane bubereye mu bihe vyo kuva mu ruhagarara; Inama Nshikiranganji imaze kuvyihweza; Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zimaze kuvyemeza;

8


PROMULGUE:

ATANGAJE:

CHAPITRE PREMIER: DES DEFINITIONSONS

IGICE CA MBERE: INSIGURO Z’AMAJAMBO

Article 1 :

Ingingo ya 1:

Au sens de la présente loi, les mots et expressions ci-dessous ont la signification suivante:

Muri iri bwirizwa, amajambo akurikira asigura: a)

a)

« La Commission » veut dire la Commission Vérité et Réconciliation (CVR) mise en place par l’article 2 de la présente loi.

b)

« Le Président » veut dire le Président de la Commission.

b) "Umukuru w’Umugwi" ni Uwurongoye Umugwi. c) "Umukomiseri" ni uwuri mu bagize Umugwi.

c) « Commissaire » veut dire membre de la Commission. d)

« Le génocide, les crimes de guerre et les crimes contre l’humanité » s’entendent au sens défini par le code pénal burundais.

e)

« Personnes disparues » veut dire les personnes dont la famille est sans nouvelles et/ou qui, selon des informations fiables ont été rapportées comme disparues en raison d’un conflit armé, international ou non international, ou de toute autre situation de violence.

f)

"Umugwi" ni Umugwi w’ugutohoza ukuri n’ukunywanisha Abarundi (CVR) ushingwa n’iri bwirizwa mu ngingo yaryo ya 2.

d) "Ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’agahomerabunwa" ni ivyaha nk’uko bisiguwe mu Gitabu c’amategeko mpanavyaha c’Uburundi. e)

"Abantu ata wuzi irengero ryabo" ni abantu umuryango ata nkuru ziberekeye ufise canke, hisunzwe inkuru z’ukwizigira, havuzwe ko batazwi irengero ryabo kubera intambara, yaba iyo ku rwego mpuzamakungu canke ku rundi rwego atari urwo, canke ibindi bihe vyose vy’intureka.

f)

"Ukunyuruza abantu" bivugwa mu gihe abantu bahagarikwa, bapfungwa canke banyuruzwa, canke batswe umwidegemvyo mu bundi buryo bwose bigizwe na Reta canke ishirahamwe, canke abakozi ba Reta canke b’ishirahamwe, canke n’abantu canke imigwi y’abantu, bakabikora babiherewe uruhusha, babifashijwemwo canke bavyemerewe n’iyo Reta canke iryo shirahamwe, hanyuma ababanyuruje

« Disparitions forcées » veut dire les cas où des personnes sont arrêtées, détenues ou enlevées, ou soumises à toute autre forme de privation de liberté par un État ou une organisation ou par des agents de l’Etat ou d’une organisation ou par des personnes ou groupes de personnes qui agissent avec l’autorisation, l’appui ou l’acquiescement de l’État ou de l’organisation, qui refusent ensuite d’admettre que ces personnes

9


g)

sont privées de liberté ou de révéler le sort qui leur est réservé, ou l’endroit où elles se trouvent les soustrayant à la protection de la loi.

« Mandat » s’entend comme mission, pouvoirs, compétence et durée du mandat de la Commission.

ntibemere ko abo bantu batswe umwidegemvyo canke bakareka kumenyesha ico bazobakoresha canke aho bari badakingiwe n’amategeko. g)

"Amabanga" ni umurimo, ububasha, ubushobozi n’igihe Umugwi umara ukora.

h)

« Victimes » désigne ceux qui ont souffert directement des violences et/ou leurs ayant droits.

h) "Abakorewe amabi" ni abantu basinzikajwe n’amabi bakorewe bo nyene canke abafise uburenganzira bwo kubatorana.

i)

« Dépositions » veut dire déclarations données aux agents de la Commission chargés de recueillir les témoignages.

« Enquêtes » et investigations » veulent dire recherche méthodologique de la vérité par l’audition des témoins et l’accumulation de l’information.

« Le Conseil » désigne le Conseil consultatif international mis en place pour appuyer la Commission.

j) k)

i)

"Ibishikirizwa" ni ibimenyeshwa abakozi b’Umugwi bajejwe kwakira abafise ico bavuga ku vyabaye.

j)

"Amatohoza n’amatohoza asesanguye" ni ukurondera ukuri hakoreshejwe ubuhinga biciye mu kwumviriza amasura n’ugushira hamwe inkuru.

k)

"Inama" ni Inama mpanuzwajambo mpuzamakungu ishirwaho kugira ifashe mu bikorwa vy’Umugwi.

IGICE CA II: IVYEREKEYE UGUSHINGA UMUGWI

CHAPITRE II: DE LA CREATION DE LA COMMISSION

Article 2:

Ingingo ya 2:

Il est créé une Commission Vérité et Réconciliation, ci-après dénommée « la Commission », dont le mandat, la composition, l’organisation et le fonctionnement ainsi que la procédure font l’objet de la présente loi. La Commission n’a pas de pouvoir judiciaire. Toute la procédure devant la Commission est gratuite.

Harashinzwe Umugwi w’ugutohoza ukuri n’ukunywanisha Abarundi wiswe “Umugwi”, amabanga y’uwo mugwi, abawugize, ingene utunganijwe n’ingene ukora hamwe n’ingene wumviriza abafise ico bazi ku vyabaye bitegekanijwe n’iri bwirizwa. Umugwi ntufise ububasha nk’ubwa sentare.

Dans l’accomplissement de sa mission, la Commission jouit d’une personnalité juridique et d’une autonomie financière et de gestion.

Ukwumvirizwa n’Umugwi ntibirihishwa amafaranga. Mu kurangura umurimo ujejwe, Umugwi urihagararira imbere y’amategeko kandi urigenga mu vyerekeye ikigega ukongera ukitunganiriza uburyo ukoresha.

Article 3: La Commission a son siège à Bujumbura. Elle peut tenir des assises en tout autre endroit de son choix sur le territoire national.

Ingingo ya 3: Icicaro c’Umugwi kiri i Bujumbura. Urashobora gukorera mu kindi kibanza cose wihitiyemwo ku gataka k’Uburundi.

10


CHAPITRE III: DU MANDAT

IGICE CA III: IVYEREKEYE AMABANGA

Section 1: De la durée du mandat

Agace ka 1: Ikiringo Umugwi umara

Article 4:

Ingingo ya 4:

La durée du mandat de la Commission est de quatre ans à compter de la prestation de serment des Commissaires. Ce mandat peut être prorogé une seule fois pour une période d’une année à la demande de la Commission. La prorogation se fait par voie législative au plus tard quinze jours avant l’expiration du mandat.

Ikiringo Umugwi umara mu mabanga ni ic’imyaka ine giharurwa kuva abakomiseri barahiye. Ico kiringo kirashobora kwongerezwako umwaka umwe incuro imwe gusa bisabwe n’Umugwi. Iyongerezwa ry’ikiringo ricishwa mw’ibwirizwa hasigaye n’imiburiburi iminsi icumi n’itanu ngo ikiringo kirangire.

Section 2 : Des principes

Agace ka 2: Ingingo ngenderwako

Article 5:

Ingingo ya 5:

Dans l’accomplissement de son mandat, la Commission est guidée par le souci d’établissement de la vérité, de la réconciliation nationale et du rétablissement de la dignité des victimes.

Mu kurangura amabanga ujejwe, Umugwi ushira imbere ukwerekana aho ukuri kuri, ukunywanisha Abarundi n’ugusubiza agateka abakorewe amabi.

Agace ka 3: Imirimo y’Umugwi

Section 3: Des missions

Ingingo ya 6:

Article 6:

Imirimo y’Umugwi ni iyi ikurikira:

Les missions de la Commission sont les suivantes: 1.

1.

Enquêter et établir la vérité sur les violations graves des droits de l’homme et du droit international humanitaire commises durant la période allant de la date de l’indépendance le 1er juillet 1962 au 4 décembre 2008, date de la fin de la belligérance. La Commission prend en compte la gravité et le caractère systématique et collectif des violations.

Les enquêtes visent notamment à: a) élucider les violations des droits politiques, civils, économiques et sociaux majeurs;

Gutohoza no kwerekana aho ukuri kuri ku mabi akomeye y’uguhonyanga agateka ka zina muntu n’amategeko mpuzamakungu yubahiriza ikiremwa muntu yakozwe mu kiringo kiva kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 1962, aho Uburundi bwaronka intahe y’ukwikukira, gushika kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2008, akaba ari igenekerezo intambara zarangiriyeko. Umugwi ufatira ku buremere bw’amabi yakozwe n’uko yoba yakozwe mu buryo bw’ugukuzako no mu kivunga.

Amatohoza afise intumbero nk’izi zikurikira: a) kwerekana neza amabi yakozwe yerekeye uguhonyanga uburenganzira nyamukuru bw’abantu mu vyerekeye poritike, mu vyabo, mu butunzi n’ imibano;

b) établir les responsabilités individuelles et celles des institutions étatiques, des personnes morales et des groupes privés;

11


c) déterminer la nature, les causes et l’étendue des violations précitées, y compris les antécédents, circonstances, facteurs, contexte, motifs et perspectives qui ont conduit à ces violations;

d) identifier et cartographier les fosses communes et tout autre endroit d’enterrement non reconnu par la loi, prendre les mesures nécessaires à leur protection, procéder à l’exhumation éventuelle des corps aux fins d’un enterrement digne. 2.

b) kwerekana uruhara rw’umwumwe wese mu vyakozwe hamwe n’uruhara rw’inzego za Reta, urw’amashirahamwe n’urw’imigwi y’abantu;

Qualifier toutes les violations indiquées au point 1 du présent article.

3.

d) kwerekana ahari ibinogo vyatawemwo abantu benshi no kugira ikarata ivyerekana n’ikindi kibanza cose cahambwemwo abantu kitazwi n’amategeko, gufata ingingo zikenewe kugira ivyo bibanza bikingirwe, kuzura ibisigarira vy’abahambwe mu gihe bishoboka mu ntumbero y’ukubafubana iteka.

Publier:

a) la liste des personnes disparues, assassinées et celles des victimes et des témoins qui renoncent à l’anonymat;

b) la liste des personnes, autant burundaises qu’étrangères, qui se sont distinguées dans la protection des vies humaines pendant les différentes crises;

c) la liste des victimes qui ont accordé le pardon ainsi que celle des auteurs, ayant bénéficié du pardon. 4.

2. Kwerekana kamere k’ubwo bubisha bwose bwavuzwe mu gahimba kà 1 k’iyi ngingo. 3.

Proposer:

a) Un programme de réparations comportant à la fois des mesures individuelles et collectives, tant matérielles que morales et symboliques;

b) la mise en place d’un programme d’actions visant à promouvoir le pardon et la réconciliation;

c) kwerekana kamere k’ububisha bwavuzwe, inkomoko n’urugero bwashitseko, harimwo n’ivyabaye muri kahise bifitaniye isano n’ubwo bubisha, uko ibintu vyari vyifashe ico gihe, ivyabitumye, uko ibihe vyari bimeze, imvo zatumye hakorwa ubwo bubisha n’ivyo ababukoze bashaka gushikako ;

a) urutonde rw’abantu atawuzi irengero ryabo, abagandaguwe n’intonde z’abakorewe amabi n’iz’amasura bemeye ko amazina yabo amenyekana;

b) urutonde rw’abantu, baba abarundi canke abanyamahanga, bitanze bimwe biboneka mu gukingira ubuzima bw’abantu mu bihe vy’amagume atandukanye igihugu caciyemwo; c)

c) une date de la Journée nationale de commémoration des victimes des violations des droits de la personne humaine;

d) l’érection, sur des sites identifiés, de monuments de la réconciliation et de la mémoire aux niveaux national, provincial et local;

e) la conception et la réalisation d’autres ouvrages et œuvres symboliques; f)

4.

12

urutonde rw’abakorewe amabi batanze ikigongwe hamwe n’urw’abakoze ivyaha bagiriwe ikigongwe. Gushikiriza:

a)

Indinganizo yerekeye ugushumbusha irimwo ingingo zerekeye umuntu umwumwe n’izerekeye abantu bafatiwe mu kivunga, haba mu gutanga ibintu canke mu bijanye n’ugusubizwa agateka hamwe n’ibimenyetso;

b)

indinganizo y’ibikorwa bishira imbere ukugiriranira ikigongwe n’ukunywana;

les réformes des institutions pour

Gutangaza:


garantir la non répétition des événements du passé, afin de bâtir une société burundaise juste et démocratique; g)

La Commission a les prérogatives de: a)

convoquer et écouter toute personne et exploiter tout témoignage;

b)

accéder aux archives, documents, rapports et autres informations détenus par les institutions et/ou les personnes publiques ou privées;

d)

e)

integuro n’ishirwaho ry’ibindi vyubakwa hamwe n’ibimenyetso bifise intumbero yo kunywanisha;

f) ko hosubirwamwo itunganywa ry’inzego z’igihugu kugira amabi yashitse muri kahise ntaze asubire kuba, mu ntumbero y’ukwubaka igihugu kirangwamwo ubutungane na demokarasi;

Article 7:

c)

ko hubakwa ivyibutso bifise intumbero y’ukunywanisha n’ukwibuka abagandaguwe mu bibanza vyatowe, ku rwego rw’igihugu, urw’intara no ku rwego rw’intango;

Section 3: Des prérogatives

d)

Contribuer, notamment par une recherche documentaire, à la réécriture de l’histoire du Burundi pendant la période couverte par le mandat, afin de permettre aux Burundais une version largement partagée et acceptée des événements.

igenekerezo ry’umunsi wahariwe kwibuka, ku rwego rw’igihugu, abakorewe amabi ajanye n’uguhonyanga agateka ka zina muntu;

la réécriture d’une histoire la plus partagée par tous.

5.

c)

g)

ko handikwa gushasha kahise k’Uburundi kohurizwako na bose.

5. Guterera, nko mu kugira ubushakashatsi ku vyabaye, mu kwandika bushasha kahise k’Uburundi ko mu kiringo ibikorwa vy’umugwi vyerekeye, kugira Abarundi bashobore kuronka ukuri kwerekana kahise gahuriweko kandi kemewe na benshi.

requérir l’intervention des pouvoirs publics, du Ministère Public et des Forces de l’ordre si besoin pour donner effet aux pouvoirs de coercition et de sanction lui reconnus par la présente loi. Un agent de l’Etat qui détruit ou refuse de communiquer les documents demandés encourt les sanctions pénales et administratives prévues par la loi. Conformément aux articles 248, 249 et 250 du Code pénal, le secret professionnel et le secret des correspondances ne sont pas opposables à la Commission.

Agace ka 3: Ivyo Umugwi ufitiye ububasha Ingingo ya 7: Umugwi ufise ububasha bwo: a)

kurengukisha no kwumviriza umuntu uwo ari we wese no gukoresha ibishikirizwa vyose;

b)

gushikira inzandiko n’ibindi bishobora kubikwako inkuru biri mu bubiko n’izindi nzandiko, ivyegeranyo n’izindi nkuru zose bifiswe n’inzego n’amashirahamwe vya Reta canke n’ay’abikorera utwabo;

c)

gusaba ubutegetsi, Ubushikirizamanza n’abajejwe umutekano gufasha Umugwi iyo bikenewe mu gukoresha inguvu n’uguhana bikomoka ku bubasha uhabwa n’iri bwirizwa. Umukozi

faire prêter serment aux témoins et experts qui font des déclarations dans le cadre des enquêtes et des auditions; Tout faux témoignage ou tout faux serment est puni conformément aux dispositions du Code pénal en ses articles 399 et 400.

Article 8:

Au terme d’une procédure équitable et transparente au cours de laquelle les personnes

13


concernées ont fait prévaloir leurs moyens de défense auprès de la Commission, cette dernière peut diffuser par tous les moyens nécessaires la liste des personnes qui font obstruction à ses travaux. Article 9: Nul ne peut se prévaloir de sa fonction, de ses privilèges et immunités, de l’amnistie ou de la prescription ou de tout autre motif pour refuser de collaborer avec la Commission.

wa Reta azimanganije canke yanse gushikiriza inzandiko Umugwi wasavye ahanishwa ibihano mpanavyaha n’ibihano bijanye n’akazi bitegekanijwe n’amategeko. Hisunzwe ingingo ya 248, iya 249 n’iya 250 zo mu Gitabu c’amategeko mpanavyaha, ukugumya amabanga y’akazi n’amabanga ari mu makete ntivyitwazwa imbere y’Umugwi;

d) kurahiza amasura n’abahinga bafise ivyo bashikiriza mu matohoza agirwa no mu gihe c’ukwumviriza abafise ico bashikiriza ku vyabaye; ugushikiriza ibinyoma canke ukurahira nabi uko ari kwo kwose bihanwa hisunzwe ibitegekanijwe n’Igitabu c’amategeko mpanavyaha mu ngingo yaco ya 399 n’iya 400.

CHAPITRE IV: DE LA COMPOSITION DE LA COMMISSION ET DU STATUT DES COMMISSAIRES

Ingingo ya 8: Hamaze kwumvirizwa abo vyega bose ata wurenganijwe kandi ku mugaragaro, bakaba baronse akaryo ko gushikiriza Umugwi ivyo bireguza, Umugwi urashobora gutangaza ukoresheje uburyo bwose bukenewe urutonde rw’amazina y‘abantu babera intambamyi ibikorwa ujejwe.

Section 1 : De la composition Article 10:

Ingingo ya 9:

La Commission est une institution indépendante de tout pouvoir national, neutre dans son fonctionnement et crédible aux yeux de la population.

Nta n’umwe ashobora kwitwaza amabanga ashinzwe, ukudakurikiranwa na sentare iyo ari yo yose n’ukudahangarwa n’ubutungane, ukuba yararonse ikigongwe c’ikivunga canke uguta igihe kw’ivyaha yoba yarakoze canke iyindi mvo iyo ari yo yose kugira yanke gukorana n’Umugwi.

Elle doit être représentative et inclusive. Sa composition doit tenir compte des équilibres constitutionnels.

IGICE CA IV: IVYEREKEYE ABAGIZE UMUGWI N’INGENE BAFATWA IMBERE Y’AMATEGEKO

Article 11: La Commission comprend 11 membres de nationalité burundaise qui portent le titre de Commissaire dont au moins quatre femmes et un membre de la communauté Batwa.

Section 2: Des critères et de la procédure de sélection

Agace ka 1 : Abagize Umugwi Ingingo ya 10: Umugwi ni urwego rwigenga imbere y’ubutegetsi ubwo ari bwo bwose mu gihugu, ugakora ata ho wegamiye kandi wizewe n‘abanyagihugu.

Article 12: La Commission est composée de personnalités reconnues pour leur probité, leur intégrité, leurs compétences techniques et leur capacité à

Umugwi utegerezwa kuba ugizwe n’abaserukira

14


transcender les clivages de toute nature.

imice y’abanyagihugu bose kandi ata we ukumira.

Article 13:

Abawugize bagenwa hisunzwe ibitegekanijwe mw’Ibwirizwa Shingiro bijanye n’uko bose baserukirwa bikwiye.

Tout membre de la Commission doit:

Ingingo ya 11:

a) être de nationalité burundaise; b) être âgé d’au moins trente-cinq ans révolus; c) jouir de ses droits civils et politiques; d) être capable d’impartialité dans l’accomplissement de ses fonctions par rapport aux positions des partis politiques; e) ne pas avoir commis de violations graves de droits de l’homme et du droit international humanitaire; f) être de bonne moralité et apte à promouvoir la vérité et la réconciliation nationale.

Umugwi ugizwe n’abantu 11 bafise ubwenegihugu bw’Uburundi bakaba bitwa abakomiseri, bane muri bo n’imiburiburi bagategerezwa kuba abakenyezi n’umwe wo mu bwoko bw’Abatwa.

Agace ka 2: Ivyisungwa n’ingene abagize Umugwi batorwa Ingingo ya 12: Umugwi ugizwe n’abantu bazwi ko bagendera ukuri, ari intungane, babishoboye kandi barengera ico cose coza gitandukanya abarundi.

Article 14: Les candidats membres de la Commission sont sélectionnés sur base des candidatures libres par une commission paritaire ad hoc désignée par le Bureau de l’Assemblée Nationale et le Bureau du Sénat. Cette commission paritaire ad hoc établit une liste définitive de trente-trois candidats.

Ingingo ya 13: Uwuri mu Mugwi wese ategerezwa kuba: a) b)

afise ubwenegihugu bw’ Uburundi; amaze gukwiza n’imiburiburi imyaka mirongo itatu n’itanu; c) afise uburenganzira mu vyiwe no mu vyerekeye poritike; d) adahengamira ku vyiyumviro vy’imigambwe mu kurangura amabanga ajejwe; e) atigeze akora amabi akomeye y’uguhonyanga agateka ka zina muntu n’amategeko mpuzamakungu yubahiriza kiremwa muntu; f) yigenza runtu kandi ashobora guharanira ukuri n’ukunywanisha Abarundi.

Article 15: La Commission ad hoc transmet la liste définitive des candidats à l’Assemblée Nationale qui détermine, à la majorité simple, les 11 membres de la Commission ainsi que son Bureau. Article 16: Le Président de l’Assemblée Nationale transmet la liste des membres de la Commission élus ainsi que son Bureau au Président de la République pour nomination.

Ingingo ya 14:

Section 3: Du statut des Commissaires

Abipfuza kuja mu Mugwi batorwa hafatiwe ku madosiye ashikirizwa n’abavyishakiye bagatorwa n’umugwi ugenewe ico gikorwa ugizwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka ku gitigiri kingana bagenwa n’Ibiro vy’Inama Nshingamateka n’Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka. Uwo mugwi uragira urutonde ntabanduka rw’abitoza mirongo itatu na batatu.

Article 17: Les Commissaires exercent un emploi à temps plein au service de la Commission. La qualité de membre de la Commission est incompatible avec l’exercice de toute autre fonction à caractère public ou privé.

Ingingo ya 15:

Les membres de la Commission en provenance des services publics sont placés en position de

15


détachement par rapport à leur statut d’origine et leur réintégration est automatique à la fin de leur mandat.

Umugwi ugenewe kugira urutonde rw’abitoza urashikiriza urutonde ntabanduka rw’abitoza Inama Nshingamateka, na yo igaca itora abagize Umugwi 11 bemejwe na benshi hamwe n’abagize Ibiro vy’uwo Mugwi.

Article 18:

Ingingo ya 16:

Les Commissaires jouissent d’une immunité dans l’exercice de leurs fonctions. Ils ne peuvent être, ni arrêtés, ni détenus ni poursuivis pour des actes qui relèvent de leur mandat. L’immunité ne peut être levée que sur décision de la Commission.

Umukuru w’Inama Nshingamateka ararungikira Umukuru w’Igihugu urutonde rw’abagize Umugwi batowe hamwe n’abagize Ibiro vyawo kugira abagene.

La décision de levée de l’immunité à un commissaire est prise par 2/3 des membres de la commission.

Agace ka 3: Uko abakomiseri bafatwa imbere y’amategeko

Durant la période de leur mandat, les commissaires jouissent d’un statut spécial lié à leur mission.

Ingingo ya 17: Abakomiseri bakora akazi k’Umugwi gusa. Ukuba mu Mugwi ntibibangikanywa n’ayandi mabanga ayo ari yo yose yaba ayo muri Reta canke ay’abikorera utwabo.

Article 19: Avant d’entrer en fonction, les membres de la Commission prêtent le serment suivant:

Abagize Umugwi baje bava mu buzi bwa Reta baca baba barahagaritse akazi bahoramwo ivy’agateganyo, ikiringo cabo kirangiye bagaca bagasubizwamwo.

« Moi (nom et Prénom), je jure devant le Président de la République et le Parlement burundais, d’accomplir ma mission en toute indépendance, impartialité, dignité et sans discrimination quelconque, dans le souci de découvrir la vérité aux fins de favoriser et promouvoir la réconciliation nationale. Je m’engage à respecter l’obligation de confidentialité prescrite par la loi portant création, mandat, composition, organisation et fonctionnement de la Commission Vérité et Réconciliation ».

Ingingo ya 18: Abakomiseri bafise uburenganzira bw’ukudahangarwa n’ubutungane mu gihe barangura amabanga bajejwe. Ntibashobora guhagarikwa, gupfungwa canke gukurikiranwa ku vyo bakoze bijanye n’amabanga bajejwe. Ntibashobora gukurwako ukudahangarwa n’ubutungane bidaciye mu ngingo ifatwa n’Umugwi.

Article 20: Le mandat d’un Commissaire prend fin dans les conditions ci-après:

Ingingo y’ugukura ukudahangarwa n’ubutungane ku mukomiseri ifatwa vyemejwe n’ivya bitatu bibiri vy’abagize Umugwi.

a) défaut de conformité aux conditions d’éligibilité découvert après la nomination; b) perte de l’une des conditions d’éligibilité; c) indisponibilité; d) absence prolongée aux travaux de la Commission dans les conditions prévues par le Règlement d’ordre intérieur; e) démission; f) incapacité physique ou mentale constatée par une commission médicale; g) déchéance proposée par la Commission statuant à la majorité des deux-tiers suite à une défaillance constatée après audition de l’intéressé; h) décès.

Mu kiringo bakirangura amabanga bajejwe, abakomiseri baba bafise uko bafatwa bisangije imbere y’amategeko kubera ayo mabanga. Ingingo ya 19: Imbere yo gutangura kurangura amabanga bajejwe, abagize Umugwi barashikiriza indahiro ikurikira : “Jewe (Izina n’iritazirano) ndarahiye imbere y’Umukuru w’Igihugu n’Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka z’Uburundi ko nzorangura amabanga njejwe mu bwigenge, ata ho mpengamiye, nisunze ubuntu kandi ata

16


kuvangura na kumwe, nitwararitse gushira ahabona ukuri mu ntumbero yo guteza imbere ukunywanisha abarundi. Niyemeje kugumya ibanga nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa rishinga Umugwi w’ugutohoza ukuri n’ukunywanisha Abarundi, amabanga ushinzwe, abawugize, ingene utunganijwe n’ingene ukora”.

Est considéré comme défaillance tout acte pouvant être considéré comme entrave aux travaux de la Commission. Les cas de défaillance ainsi que les manquements graves sont précisés dans le Règlement d’ordre intérieur.

Ingingo ya 20: Article 21: Amabanga y’umukomiseri arangira ku mvo zikurikira:

Un Commissaire accusé d’avoir participé aux violations énoncées à l’article 6 alinéa 1 ou de ne pas remplir une des conditions exigées dans l’article précédent fait l’objet d’enquêtes de la Commission qui doit statuer en vue de son remplacement si les allégations sont prouvées.

a)

bigaragaye, amaze kugenwa, ko atari akwije ibisabwa kugira atorwe; b) atakaje kimwe mu bisabwa kugira atorwe; c) atakibifitiye umwanya; d) asivye igihe kirekire mu bikorwa vy’Umugwi nk’uko bitegekanijwe n’amategeko ntunganyabikorwa y’uwo Mugwi; e) atanze imihoho; f) atagishoboye kurangura akazi kubera ubumuga canke ukurwara mu mutwe vyemejwe n’Umugwi w’abaganga; g) akuwe mu mabanga bisabwe n’Umugwi ufata iyo ngingo vyemejwe n’ivya bitatu bibiri vy’abagize uwo Mugwi kubera wabonye ko yadohotse kw’ibanga kandi abanje kwumvirizwa; h) apfuye.

Article 22: En cas de vacance d’un poste de Commissaire, la Commission saisit aussitôt l’autorité de nomination qui procède à son remplacement par un nouveau membre répondant au même profil et selon la procédure visée à l’article 14 de la présente loi. Article 23: Le mandat des Commissaires est rémunéré. Leurs émoluments, leurs indemnités et autres avantages sont déterminés par décret.

Ibifatwa nk’ukudohoka kw’ibanga ni igikorwa cose gishobora gufatwa nk’intambamyi y’ibikorwa vy’Umugwi.

Section 4 : Du Conseil consultatif international Article 24:

Ibifatwa ko ari ukudohoka kw’ibanga hamwe n’ayandi makosa ahambaye bitomorwa mu Mategeko ntunganyabikorwa.

La Commission est assistée d’un Conseil consultatif international composé de cinq hautes personnalités qui jouissent d’une grande autorité morale.

Ingingo ya 21:

Article 25:

Umukomiseri yagirijwe kuba yaragize uruhara mu kurenga ku bivugwa mu gahimba ka 1 k’ingingo ya 6 canke hari imvo imwe mu zivugwa mu ngingo ya 20 imwerekeye, Umugwi uramugirako amatohoza ugaca ufata ingingo yo kumusubiriza iyo usanze ivyo yikekwako bimwagira.

Le Conseil apporte un soutien éthique ainsi que des conseils et recommandations qui renforcent la Commission dans l’accomplissement de ses missions. Il appuie la Commission dans le développement des réseaux de relations. Il agit en facilitateur dans les rapports de la Commission avec les différents acteurs nationaux et internationaux.

Ingingo ya 22: Mu gihe hari ikibanza c’Umukomiseri kigaragara, Umugwi uca ubimenyesha uwufise ububasha bw’ukugena abakomiseri na we agaca agena uwumusubirira ategerezwa kuba akwije ivy’uwo asubirira kandi hakurikijwe ibitegekanijwe mu

Article 26: Le Conseil se réunit autant de fois que de besoin ou à la demande de la Commission.

17


ngingo ya 14 y’iri bwirizwa. Les membres de ce Conseil peuvent assister aux différents travaux de la Commission, à ses différentes phases, en particulier aux audiences et donnent avis à la Commission.

Ingingo ya 23: Amabanga Abakomiseri bajejwe barayahemberwa. Impembo yabo, udushirukabute n’utundi turusho bahabwa bitomorwa n’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu.

Article 27: Le budget du Conseil est intégré au budget général mis à la disposition de la Commission par le Gouvernement et ses partenaires techniques et financiers.

Agace ka 4 : Inama mpanuzwajambo mpuzamakungu Ingingo ya 24:

Article 28:

Umugwi ufashwa n’Inama mpanuzwajambo mpuzamakungu igizwe n’abantu batanu b’abanyacubahiro bazwi ko bagendera ubuntu.

Les modalités de mise en place du conseil sont convenues entre le Gouvernement et ses partenaires internationaux.

Ingingo ya 25: Inama mpanuzwajambo irafasha Umugwi mu vyerekeye akarangamutima igatanga n’impanuro ikongera igasaba ivyokorwa bitsimbataza Umugwi mw’irangurwa ry’imirimo yawo. Irafasha Umugwi mu guteza imbere ivyerekeye imigenderanire. Ikora nk’umuhuza mu migenderanire Umugwi ugiranira n’abafise ico bowufasha batandukanye bo mu gihugu no mu makungu. Ingingo ya 26: Inama mpanuzwajambo ikorana igihe cose bikenewe canke ibisabwe n’Umugwi. Abagize Inama mpanuzwajambo barashobora kuja mu bikorwa bitandukanye vy’Umugwi, ku ntambwe zitandukanye biba bigezeko, na cane cane mu gihe Umugwi uba uriko urumviriza abafise ico bashikiriza bakawuterera ivyiyumviro. Ingingo ya 27: Amafaranga Inama mpanuzwajambo ikoresha ategekanywa mu yo Reta n’abayifasha mu vyerekeye ubuhinga n’amafaranga bategekaniriza Umugwi. Ingingo ya 28: Ibikurikizwa mu gushiraho Inama mpanuzwajambo Reta ivyumvikanako n’abo bifashanya ku rwego mpuzamakungu.

18


CHAPITRE V: DE L’ORGANISATION ET DU FONCTIONNEMENT

IGICE CA V: INGENE UMUGWI UTUNGANIJWE N’INGENE UKORA

Section 1: Des Organes

Agace ka 1: Inzego

Article 29:

Ingingo ya 29:

Les organes de la Commission sont l’Assemblée plénière, le Bureau et les Sous-Commissions.

Inzego z’Umugwi ni Inama ihuza abagize Umugwi bose, Ibiro vy’Umugwi n’Imigwi mitoyi yawo.

Le Bureau est chargé de la coordination des activités de la Commission.

Ibiro bijejwe guhuza ibikorwa vy’Umugwi. Ingingo ya 30:

Article 30: Umugwi urafise Ibiro Nshingwabikorwa bigizwe n’Umukuru w’Umugwi, Icegera c’Umukuru w’Umugwi n’Umunyamabanga.

La Commission est dotée d’un Bureau Exécutif comprenant un Président, un Vice-Président et un Secrétaire.

Abagize ivyo Biro bagenwa ku buryo abarundi bose baserukirwa ku rugero rutegekanijwe hafatiwe nko ku bwoko, intara n’igitsina.

La composition de ce Bureau tient compte des divers équilibres de la société burundaise notamment ethniques, régionaux et de genre.

Ingingo ya 31: Article 31: La première Assemblée plénière se réunit de plein droit dans les quinze jours ouvrables à compter de la date de nomination de ses membres pour élaborer et adopter son Règlement d’ordre intérieur. La Commission détermine les décisions qui sont prises par l’Assemblée plénière, par arrêté du Président, par le Bureau ou par délégation de compétences sans préjudice des dispositions y relatives de la présente loi.

Inama ya mbere ihuza abagize Umugwi bose itegerezwa gukorana mu kiringo c’iminsi icumi n’itanu y’akazi giharurwa kuva kw’igenekerezo abagize Umugwi bageneweko kugira itegure yongere yemeze amategeko ntunganyabikorwa y’Umugwi. Umugwi uratomora ingingo zifatwa n’inama ihuza abagize Umugwi bose, izifatwa biciye mw’itegeko ry’Umukuru w’Umugwi, izifatwa n’Ibiro vy’Umugwi canke n’uwabiherewe ububasha hatirengagijwe ingingo zivyerekeye z’iri bwirizwa.

Le Règlement d’ordre intérieur détermine les modalités de régularité de convocation et de tenue des sessions.

Amategeko ntunganyabikorwa aratomora ibitegerezwa gukurikirikizwa kugira hatumweko inama z’Umugwi hamwe n’ingene zikorana.

Article 32:

Ingingo ya 32:

Le quorum requis pour siéger et délibérer valablement est de 2/3 des membres. La Commission prend ses décisions par consensus ou à défaut, à la majorité des 2/3 des participants. Aucune décision ne peut être valable que si elle est prise par au moins 7 Commissaires.

Igitigiri c’abagize Umugwi gisabwa kugira inama ikorane kandi ifate ingingo ni 2/3 vy’abagize Umugwi. Umugwi ufata ingingo bose bavyumvikanyeko, bitabaye uko na ho, vyemejwe na 2/3 vy’abitavye inama. Nta ngingo n’imwe ishobora gufatwa ngo yemerwe iyo hatitavye n’imiburiburi Abakomiseri 7 mu nama.

Les délibérations de la Commission sont confidentielles.

Ivyiyumviro bihanahanwa mu Mugwi mu gufata ingingo bigumizwa mw’ibanga.

19


Article 33: Ingingo ya 33: La Commission s’organise en autant de SousCommissions que de besoin. Ces Sous-Commissions couvrent toutes les activités de la Commission et sont supervisées par des Commissaires.

Umugwi uritunganya mu Migwi mitoyi, igitigiri cayo kikavana n’ibikenewe. Iyo Migwi mitoyi itunganywa ku buryo igikorwa cose c’Umugwi kigira Umugwi mutoyi ukijejwe kigacungerwa n’Abakomiseri.

Section 2: Des services

Agace ka 2: Ibisata

Article 34: Ingingo ya 34: La Commission procède au recrutement d’un Secrétaire Exécutif.

Umugwi urashiraho Umunyamabanga nshingwabikorwa.

Les avantages du Secrétaire Exécutif sont déterminés par le Règlement d’ordre intérieur de la Commission.

Uturusho duhabwa Umunyamabanga nshingwabikorwa dutomorwa mu Mategeko ntunganyabikorwa y’Umugwi.

Article 35: Ingingo ya 35: La Commission se dote des services d’appui coordonnés par le Secrétaire exécutif : les services administratifs et techniques centraux y compris une unité de protection des victimes et des témoins, les services des experts nationaux et internationaux et les services décentralisés.

Umugwi urashiraho ibisata biwufasha, bigakurikiranirwa hafi n’Umunyamabanga nshingwabikorwa, ari vyo : ibisata bijejwe ivyerekeye intwaro n’ibijejwe ivyerekeye ubuhinga mu Mugwi harimwo n’umugwi ujejwe gukingira abakorewe amabi hamwe n’amasura, ibisata vy’abahinga b’abarundi na mvamakungu hamwe n’ibisata vyegerejwe abanyagihugu.

Article 36: La Commission recrute autant d’experts nationaux et internationaux que de besoin. Les experts peuvent être permanents ou ad hoc. Ils doivent être des personnes jouissant d’une expérience avérée dans le domaine de leur intervention.

Ingingo ya 36: Umugwi urashiraho abahinga b’abarundi na mvamakungu, igitigiri cabo kikavana n’ibikenewe. Abahinga barashobora kuba ari abakozi b’Umugwi canke na ho bakaronderwa iyo bikenewe. Bategerezwa kuba ari abantu bazwi ko bamenyereye gukoresha ubuhinga bwabo mu bijanye n’igikorwa baherewe akazi.

La Commission recrute des experts pluridisciplinaires qui contribuent à la connaissance de la vérité, à une bonne préparation des audiences et à la réécriture de l’Histoire pendant la période couverte par le mandat.

Umugwi urashiraho abahinga bava mu bisata bitandukanye bafasha mu kumenya ukuri, mu gutegura neza ibikorwa vy’ukwumviriza abantu n’ukwandika bushasha Kahise k’igihugu mu kiringo Umugwi washinzwe gukorerako.

Ces experts adhèrent à une conduite élaborée par la Commission et prêtent par écrit le serment suivant : « Je jure d’accomplir ma mission avec conscience et fidélité dans la stricte confidentialité et la protection des informations recueillies ».

Abo bahinga bategerezwa kwisunga inyifato yashinzwe n’Umugwi kandi bagashikiriza mu rwandiko indahiro ikurikira : “Ndarahiye ko nzorangura umurimo nshinzwe n’umutima wanje wose kandi ata guhemuka kw’ibanga nitwararitse kuzigama amabanga no gukingira inkuru zatororokanijwe”.

Article 37: La Commission met en place une Unité de protection et d’assistance des victimes et des témoins. Cette Unité est composée de cadres et d’agents en service permanent auprès de la Commission. Elle comprend notamment des spécialistes de la sécurité, du droit, de la santé mentale, des questions liées au genre et de l’assistance psychosociale.

Ingingo ya 37: Umugwi urashiraho umugwi ujejwe ugukingira

20


n’ugufasha abakorewe amabi n’amasura. Uwo mugwi ugizwe n’abakozi bakurubakuru n’abakozi batobato bakora igihe cose mu Mugwi. Uba urimwo nk’abahinga mu vyerekeye umutekano, amategeko, indwara zo mu mutwe, ibibazo bijanye n’iterambere ridakumira n’ugufasha mu vyerekeye inyifato n’imibano.

Article 38: La Commission recrute un Bureau par province composé de trois personnes et un personnel nécessaire et suffisant au niveau national, provincial et local pour le bon accomplissement de ses missions tout en respectant les équilibres ethniques et de genre.

Ingingo ya 38: Umugwi urashiraho ku ntara imwimwe yose Ibiro bigizwe n’abantu batatu hamwe n’abakozi bakenewe kandi bakwiye ku rwego rw’igihugu, urw’intara, n’urw’intango kugira imirimo y’Umugwi ishobore kurangurwa neza hubahirijwe ko abantu bo mu bwoko bwose n’ibitsina vyose baserukirwa ku rugero rutegekanijwe.

Un membre du Bureau Provincial peut être démis de ses fonctions par deux tiers des Commissaires sur base de preuves d’incapacité, d’incompétence ou pour avoir commis un acte qui compromet la crédibilité ou la confiance en la Commission. Article 39: Le Règlement d’ordre intérieur de la Commission détermine le statut pécuniaire et administratif du personnel au service de la Commission.

Uwuri mu bagize Ibiro vy’intara arashobora gukurwa muri ayo mabanga vyemejwe n’ivya bitatu bibiri vy’abakomiseri hafatiwe ku vyemezo vyerekana ko afise ubumuga bumubuza gukora; adashoboye akazi canke yakoze ikintu gituma abantu badashobora kwizigira canke kwizera Umugwi .

Article 40: Les représentants provinciaux jouissent de l’immunité dans l’accomplissement de leurs tâches, dans les conditions décrites à l’article 16 de la présente loi.

Ingingo ya 39: Amategeko ntunganyabikorwa y’Umugwi aratomora uko abakozi b’Umugwi bafatwa mu vyerekeye agahembo n’akazi.

Article 41: Le personnel de la Commission en provenance des services publics est placé en position de détachement par rapport à leur statut d’origine et sa réintégration est automatique à l’expiration de leur contrat.

Ingingo ya 40: Abaserukira Umugwi mu ntara barafise uburenganzira bw’ukudahangarwa n’ubutungane mu gihe bariko bararangura imirimo bajejwe, hubahirijwe ibisabwa bivugwa mu ngingo ya 16 y’iri bwirizwa. Ingingo ya 41: Abakozi b’Umugwi baje bava mu buzi bwa Reta baca baba barahagaritse akazi bahoramwo ivy’agateganyo, ikiringo c’amasezerano y’akazi k’Umugwi kirangiye bagaca bagasubizwamwo.

21


IGICE CA VI: IVYEREKEYE UBURYO BUKORESHWA

CHAPITRE VI: DES RESSOURCES

Article 42:

Ingingo ya 42:

Avant l’installation de la Commission, le Gouvernement veille à ce qu’elle dispose des moyens matériels et financiers nécessaires à son fonctionnement.

Imbere yuko Umugwi utangura gukora, Reta iritwararika ko uba ufise ibikoresho n’amafaranga bikenewe kugira ukore.

Article 43:

Ingingo ya 43:

Les fonds de fonctionnement de la Commission proviennent du Gouvernement par la voie de la loi des finances et des partenaires nationaux et internationaux.

Amafaranga Umugwi ukoresha ava muri Reta biciye mw’ibwirizwa rishinga amafaranga ategekanywa gukoreshwa ku mwaka no mu bafashanya na Reta bo mu gihugu no mu makungu. Ingingo ya 44:

Article 44: Les dépenses de la Commission sont constituées par les émoluments des Commissaires, les rémunérations du personnel et les charges sociales y afférentes ainsi que les frais de fonctionnement.

Amafaranga Umugwi usohora agizwe n’agahembo k’Abakomiseri, imishahara y’abakozi n’ayandi mafaranga ategekanirizwa ineza y’abakozi hamwe n’amafaranga Umugwi ukoresha mu bikorwa vyawo vya minsi yose.

Article 45:

Ingingo ya 45:

La gestion des finances de la Commission est soumise au contrôle de l’Inspection Générale de l’Etat et à un auditeur indépendant recruté sur concours.

Ingene Umugwi ukoresha amafaranga bisuzumwa n’Ubugenduzi bukuru bwa Reta hamwe n’umusuzumyi w’amakonte yigenga ahabwa ako kazi biciye mw’ihiganwa .

22


IGICE CA VII: IVYEREKEYE INGINGO UMUGWI WISUNGA MU KURANGURA AMABANGA UJEJWE

CHAPITRE VII: DE LA PROCEDURE APPLICABLE DEVANT LA COMMISSION

Section 1: Du principe

Agace ka 1: Ingingo ngenderwako

Article 46:

Ingingo ya 46:

Au-delà de leurs opinions personnelles, préférences ou affiliations politiques, les Commissaires doivent remplir leur mission avec impartialité et objectivité, en toute bonne foi et sans être soumis à aucune influence. Ils ne peuvent ni solliciter ni accepter faveurs, dons ou promesses dans l’exercice de leurs fonctions.

Hirengagijwe ivyiyumviro vy’umwumwe, ivyo ashira imbere canke umugambwe aba arimwo, Abakomiseri bategerezwa kurangura imirimo yabo ata ho begamiye kandi bagacisha aho ukuri kuri, ata ntumbero mbi n’imwe bafise kandi badatamikwa ijambo. Ntibashobora gusaba canke kwemera ico cose bagirirwa, ingabire canke imihango vyotuma bahengama mu gihe baba bariko bararangura imirimo bajejwe.

Les Commissaires et le personnel ne sont comptables que devant la Commission. Si à quelque étape que ce soit des activités de la Commission, il apparaît qu’un Commissaire pourrait avoir un intérêt financier ou personnel évident qui pourrait causer un conflit d’intérêt dans l’accomplissement de ses fonctions, la Commission se réunit hors présence du concerné pour décider si ce dernier peut participer ou non aux délibérations sur le dossier en cause s’il ne se récuse pas luimême.

Abakomiseri n’abakozi b’Umugwi babazwa ibijanye n’imirimo bajejwe n’Umugwi gusa. Aho ibikorwa vy’Umugwi biba bigeze hose, iyo bibonetse ko Umukomiseri ashobora kuba abifisemwo inyungu zerekeye amafaranga canke ziwe bwite ku buryo bishobora gutuma uwo Mukomiseri atarangura neza umurimo ashinzwe kubera inyungu abifisemwo, Umugwi urakorana uwo Mukomiseri atarimwo kugira ufate ingingo yuko ashobora kuja canke kutaja mu bafata ingingo kw’idosiye vyerekeye iyo atitaramuye we nyene.

La Commission peut prendre des sanctions à l’encontre d’un de ses membres qui, en connaissance de cause, est intervenu dans un dossier présentant un conflit d’intérêt l’impliquant.

Umugwi urashobora gufatira ibihano umwe mu bawugize yagize uruhara mw’idosiye afisemwo inyungu kandi yari asanzwe azi ko bibujijwe .

En cas de découverte du conflit d’intérêt après les délibérations, celles-ci sont reprises en l’absence de l’intéressé.

Mu gihe idosiye imaze kwihwezwa bibonetse ko umwe mu bakomiseri yari ayifisemwo inyungu, ica isubira kwihwezwa atarimwo.

Article 47: Ingingo ya 47: Le Président oriente les travaux de la Commission et s’assure qu’il prévaut un climat de confiance mutuelle entre les membres.

Umukuru w’Umugwi ni we atanga intumbero y’ibikorwa vy’Umugwi kandi akitwararika ko abagize Umugwi baguma bizigiraniye hagati yabo.

Il peut déléguer ses pouvoirs aux autres membres du Bureau par ordre de préséance. La Commission tient au moins une réunion par semaine pour constater le travail accompli et prendre les décisions nécessaires concernant l’avancement du processus. Elle se réunit autant de fois que de besoin sur convocation de son Président ou de son Vice-Président en cas d’empêchement pour les

Arashobora guha ububasha bwiwe abandi bagize Ibiro hakurikijwe uko basumbasumbana mu bukuru. Umugwi uragira n’imiburiburi inama ku ndwi kugira wihweze ibimaze kurangurwa wongere ufate ingingo zikenewe kugira igikorwa Umugwi ujejwe kibandanye neza. Umugwi ukorana igihe cose bikenewe kugira wige ibibazo vyihutirwa utumweko

23


questions urgentes.

n’Umukuru w’Umugwi, iyo yafatiriwe naho, ugatumwako n’Icegera ciwe.

Section 2: De la protection des victimes et des témoins

Agace ka 2: Ugukingira abakorewe amabi hamwe n’amasura

Article 48: Ingingo ya 48: La Commission établit et met en œuvre un programme de protection des victimes et des témoins ainsi que les membres de leur famille dont la sécurité peut être mise en danger en raison de leur participation à ce processus.

Umugwi urategura ukongera ugashira mu ngiro umugambi w’ugukingira abakorewe amabi, amasura hamwe n’abo mu miryango yabo umutekano wabo ushobora kubangamirwa kubera abakorewe amabi canke amasura bagize uruhara mu bikorwa vy’Umugwi.

Les enquêtes sur terrain, les dépositions des victimes débutent après la promulgation d’une loi sur la protection des victimes et des témoins.

Amatohoza agirirwa ahakorewe amabi n’ivyo abakorewe amabi bashikiriza bitangura ibwirizwa ryerekeye ugukingira abakorewe amabi hamwe n’amasura rimaze gutangazwa .

Article 49:

Ingingo ya 49:

La Commission prend des mesures spéciales pour aider les victimes et les témoins notamment ceux qui sont traumatisés, les enfants, les personnes âgées ou les victimes de violence sexuelle, à participer à ce processus, à faire enregistrer leur cas, à présenter leur témoignage, à exprimer leur opinion ou leurs préoccupations.

Umugwi urafata ingingo zidasanzwe kugira ufashe abakorewe amabi n’amasura nk’abahahamutse, abana, abageze mu zabukuru canke abakorewe amabi ajanye n’ugushurashuzwa ku nguvu, kugira bagire uruhara mu bikorwa vy’Umugwi, mu kwandikisha ivyabashikiye, gushikiriza ivyo bazi, gushikiriza ivyiyumviro vyabo canke ibibaraje ishinga.

Les victimes et les témoins doivent notamment avoir accès aux conseils et au soutien psychologique et juridique tout au long de ce processus.

Abakorewe amabi hamwe n’amasura bategerezwa canecane kuronswa ababaha impanuro mu vyo bakeneye, kuremeshwa no gufashwa mu vyerekeye amategeko mu kiringo cose ibikorwa vy’Umugwi bimara.

Article 50: La confidentialité et l’anonymat sont garantis aux victimes et aux témoins en cas de nécessité, notamment pour les cas de violences sexuelles et les dossiers impliquant des mineurs.

Ingingo ya 50: Ukugumiza mw’ibanga ivyashikirijwe n’ukutavuga amazina y’ababishikirije bitegerezwa kwubahirizwa ku bakorewe amabi no ku masura mu gihe bikenewe, canecane ku vyerekeye amabi ajanye n’ugushurashuza ku nguvu hamwe no ku madosiye yerekeye abana.

Section 3: De la phase préparatoire Article 51: Dès sa mise en place, la Commission accomplit notamment les tâches suivantes:

Agace ka 3 : Igihe c’integuro y’ibikorwa vy’Umugwi

a) b)

adopter l’organigramme; organiser la formation des commissaires, s’approprier la loi qui la régit, adopter le règlement d’ordre intérieur, le règlement financier, le budget de fonctionnement et le chronogramme des activités pour la durée de son mandat; c) recruter les experts et tout le personnel nécessaires;

Ingingo ya 51: Umugwi ugishizweho, uca ukora nk’ibi bikurikira: a) b)

24

kwemeza ingene Umugwi uringanijwe; gutunganya inyigisho zihabwa abakomiseri, gutahura neza ibwirizwa


d) concevoir le logiciel de la base de données, élaborer sa stratégie de communication; e) prendre des mesures de protection et d’accompagnement des victimes et des témoins; f) élaborer le guide de recueils des dépositions, des enquêtes et investigations, former les enquêteurs et les investigateurs; g) prendre des mesures pour le recueil, la protection et la gestion des archives, ainsi que celles visant l’identification et la protection des fosses communes.

riwugenga, kwemeza amategeko ntunganyabikorwa yawo, amategeko agenga ikoreshwa ry’amafaranga mu Mugwi, amafaranga utegekanya gukoresha n’ikirangaminsi c’ingene ibikorwa bikurikirana mu kiringo Umugwi uzomara; c) gushiraho abahinga n’abakozi bose bakenewe; d) gushiraho iporogarama yo mu buhinga nyabwonko ijamwo ibitororokanywa no gutegura uburyo burashe bw’uguhanahana amakuru; e) gufata ingingo z’ugukingira n’ugufasha abakorewe amabi hamwe n’amasura; f) gutegura agatabu kisungwa mu gutororokanya ibishikirizwa, ivyavuye mu matohoza no mu matohoza asesanguye, guha inyigisho abagira amatohoza n’abagira amatohoza asesanguye; g) gufata ingingo zerekeye ugutororokanya, ugukingira n’ugutunganya inzandiko n’ibindi bishobora kubikwako inkuru bishirwa mu bubiko, hamwe n’izifise intumbero y’ukwerekana ahari ibinogo vyahambwemwo abantu benshi n’ukubikingira.

Section 4: De la phase des dépositions Article 52: La Commission est saisie par la victime, le présumé auteur, le témoin ou toute autre personne physique ou morale intéressée. Elle peut se saisir d’office. Article 53: La saisine se fait par le remplissage d’une fiche dont le modèle est établi par la Commission auprès des agents de collecte de dépositions.

Agace ka 4: Igihe c’ugutororokanya ibishikirizwa

La fiche indique entre autres, l’identité et la qualité du déposant, le présumé auteur, décrit le type de violation commise, indique les éventuels témoins et les indemnisations postulées. Elle précise si le déclarant est disposé à faire la déposition à huis clos ou en audience publique.

Ingingo ya 52: Umugwi witurwa n’uwakorewe amabi, uwukekwako amabi yakozwe, isura canke uwundi muntu wese canke ishirahamwe ryose ribifisemwo inyungu. Umugwi urashobora kwibwiriza kugira amatohoza.

La fiche doit porter la signature et/ou l’empreinte digitale du déposant. Toutefois la Commission peut déterminer tout autre procédé qu’elle juge approprié et qui garantisse l’authenticité et la traçabilité des dépositions.

Ingingo ya 53: Ukwitura Umugwi bigirirwa imbere y’abakozi bajejwe gutororokanya ibishikirizwa mu kwuzuza ifishi yateguwe n’uwo Mugwi.

Article 54:

Iyo fishi yerekana nk’umwidondoro w’uwufise ico ashikiriza n’ico ari hafatiwe ku vyabaye, uwukekwa ko yakoze amabi, ikadondora neza ubwoko bw’amabi yakozwe, ikerekana abashobora kuba amasura n’inshumbusho zisabwa. Iyo fishi iratomora nimba uwufise ico ashikiriza ashobora kubishikiriza mu mwiherero canke icese.

La Commission établit et publie le calendrier de la collecte des dépositions. Les agents de collecte des dépositions bénéficient d’une formation et adhèrent à un code de conduite élaboré par la Commission. Ils prêtent le serment tel qu’énoncé à l’article 36.

Ifishi itegerezwa kuba iriko umukono canke igikumu c’uwagize ico ashikiriza. Ariko, Umugwi urashobora gutomora ubundi buryo

Section 5: De la phase des enquêtes, des 25


ubona ko bubereye kandi butuma ibishikirizwa vyemerwa ko ari ivy’ukuri kandi hagashobora kumenyekana aho ivyashikirijwe vyazananye.

investigations Article 55:

Ingingo ya 54: Umugwi urashinga ukongera ugatangaza ikirangaminsi c’ugutororokanya ibishikirizwa.

La Commission met en place des équipes qualifiées pour procéder au dépouillement et à l’analyse des dépositions aux fins de déterminer les dépositions devant faire l’objet d’enquêtes et d’investigations suivant les critères déterminés par la Commission.

Abakozi bajejwe ugutororokanya ibishikirizwa barahabwa inyigisho kandi bisunga amategeko agenga inyifato mu kazi bajejwe ategurwa n’Umugwi. Abo bakozi bararahira nk’uko bitegekanijwe mu ngingo ya 36.

La Commission met en place par la suite des équipes mobiles chargées de mener les enquêtes et les investigations sur les dépositions sélectionnées. Tout Commissaire ou membre du personnel de la Commission, dûment autorisé par le Président, est habilité, sur l’autorité d’un mandat de perquisition délivré par l’Officier du Ministère Public du ressort, à pénétrer en tous lieux pouvant avoir un lien avec ou contenir des informations relatives à un sujet qui fait l’objet d’une enquête, et à inspecter les lieux et effectuer les recherches qu’il considère nécessaires.

Agace ka 5: Igihe c’ukugira amatohoza, amatohoza asesanguye Ingingo ya 55: Umugwi urashiraho imigwi ibishoboye kugira isome yongere yihweze ivyashikirijwe mu ntumbero yo gutomora ivyashikirijwe bitegerezwa kugirwako amatohoza n’amatohoza asesanguye yisunzwe ibifatirwako bitomorwa n’Umugwi.

Section 6: De la phase des audiences Article 56:

Umugwi uca ushiraho imigwi igenda ikorera aho bikenewe hose ijejwe kugira amatohoza ku vyashikirijwe vyatowe mu bindi n’amatohoza asesanguye .

La Commission établit un protocole de conduite des audiences. Les audiences sont publiques ou à huis clos suivant l’appréciation de la Commission. Le siège est composé d’au moins trois commissaires qui ne sont pas de même ethnie.

Umukomiseri wese canke umukozi wese w’Umugwi, yabirekuriwe n’Umukuru w’Umugwi, arafise ububasha, yishimikije umutahe wo gusaka utangwa n’Umushikirizamanza akarere agiramwo amatohoza gakukira, bwo gushika mu bibanza vyose bishobora kuba bifitaniye isano canke bishobora kuba birimwo inkuru zijanye n’ibiriko biragirwako amatohoza, no kugenzura ivyo bibanza hamwe no kuharondera ivyo vyose abona ko bikenewe.

Au cours des audiences, la Commission entend les parties concernées et les témoins. Elle peut, de sa propre initiative, entendre toute personne susceptible de donner des éclaircissements sur les faits. Elle organise aussi des audiences thématiques sur les grandes violations commises dans le passé aux fins d’en connaître les causes profondes et le rôle joué par les institutions étatiques ou privées telles que l’armée, la police, la justice, l’éducation, le secteur financier, les médias, les partis politiques et leurs mouvements affiliés, les églises, les associations, les groupes privés et autres organisations.

Agace ka 6: Igihe c’ukwumviriza Ingingo ya 56: Umugwi urashinga ingene ibikorwa vy’ukwumviriza abafise ivyo bashikiriza bigenda. Ibikorwa vy’ukwumviriza bigirwa icese canke mu mwiherero bivanye n’uko Umugwi ubibona. Abumviriza baba ari n’imiburiburi abakomiseri batatu badasangiye ubwoko.

En cas d’audiences thématiques, la Commission fait comparaître toute personne susceptible de contribuer à la découverte de la vérité.

Mu gihe c’ukwumviriza, Umugwi urumviriza abo vyerekeye n’amasura. Urashobora, uvyibwirije, kwumviriza umuntu wese ashobora gutanga umuco

Article 57:

26


ku vyabaye. Les éléments de preuve recueillis par la Commission ne peuvent être utilisés contre les victimes, témoins, présumés auteurs et autres déposants.

Umugwi uratunganya kandi umwanya w’ukwumviriza abafise ivyo bashikiriza ku mabi akomeye afise ico ahurirako yakozwe muri kahise, kugira hamenyekane ivyatumye akorwa n’uruhara rw’ibisata vya Reta canke ivy’abikorera utwabo, nk’igisirikare, igiporisi, ubutungane, igisata c’indero, amabanki n’amashirahamwe akora nk’amabanki, ibimenyeshamakuru, imigambwe n’imihari iyikomokako, amashengero, amashirahamwe yemewe n’amatageko, imigwi y’abantu bagiye hamwe n’ayandi mashirahamwe.

Article 58 : Les parties s’expriment dans l’une des deux langues officielles, le Kirundi et le Français. Toute personne qui le souhaite peut s’exprimer dans une autre langue de son choix. La Commission se pourvoit d’un interprète en faveur de toute personne qui n’est pas à mesure de s’exprimer dans l’une des deux langues officielles.

Mu gihe c’ukwumviriza abafise ivyo bashikiriza ku mabi afise ico ahurirako, Umugwi urarengukisha umuntu wese ashobora guterera kugira ukuri kumenyekane.

Article 59: Avant chaque audience, toute personne à auditionner prête le serment suivant :

Ingingo ya 57: « Moi (nom), je jure de dire la vérité, toute la vérité, rien que la vérité ».

Ivyemezo vyatororokanijwe n’Umugwi ntibishobora gukoreshwa mu kwagiriza abakorewe amabi, amasura, abakekwa ko bakoze amabi n’abandi bagize ico bashikiriza.

Article 60: Les affaires en rapport avec les jugements ou arrêts coulés en force de chose jugée sont recevables devant la Commission. Celle-ci les examine dans le souci de la découverte de la vérité et émet des avis et considérations qu’elle juge nécessaires pour la réhabilitation des victimes et la réconciliation.

Ingingo ya 58: Abafise ico bashikiriza Umugwi bagishikiriza mu rurimi rumwe muri zibiri zikoreshwa mu ntwaro, Ikirundi n’Igifaransa. Umuntu wese avyipfuza ashobora kuvuga mu rundi rurimi rwose yihitiyemwo.

La Commission peut recommander la révision des dossiers afin de corriger une erreur de droit ou de fait sur le fond des affaires en rapport avec les jugements ou arrêts coulés en force de chose jugée relatives aux assassinats rentrant dans le mandat de la Commission, aux procès politiques, aux biens meubles et immeubles spoliés lors des différentes crises.

Umugwi uribangikanya umuhinga mu vyo guhindura mu zindi ndimi ibiriko biravugwa afasha umuntu wese adashobora kuvuga mu rurimi rumwe muri zibiri zikoreshwa mu ntwaro. Ingingo ya 59:

Article 61:

Imbere y’ukwumviriza abafise ico bashikiriza , umuntu wese aza kwumvirizwa ashikiriza indahiro ikurikira :

Pour les affaires pendantes devant les juridictions qui seraient portées devant la Commission, les juridictions ordonnent la suspension de leur instruction soit d’office, soit à la demande des parties, en attendant les conclusions de la Commission.

« Jewe (izina) , ndarahiye ko mvuga ukuri, ukuri kwose, ukuri gusa». Ingingo ya 60: Ibishikirizwa bifitaniye isano n’imanza zamaze kuba ntabanduka birakirwa n’Umugwi. Umugwi uvyihweza mu ntumbero y’ukumenya ukuri ukongera ugashikiriza ivyiyumviro n’ivyokorwa ubona ko bikenewe kugira abakorewe amabi basubizwe agateka n’uko abarundi banywana. Umugwi urashobora gusaba ko imanza zamaze

Section 7: De la phase des réparations et de la réconciliation Article 62: Dans les cas où les circonstances et les moyens

27


le permettent, la Commission peut ordonner des réparations immédiates au cours de ses activités.

kuba ntabanduka zisubirwamwo kugira hakosorwe amakosa ajanye n’ivy’amategeko canke ajanye n’ido n’ido ry’izo manza ku vyerekeye ubwicanyi buri mu vyo Umugwi ujejwe, imanza z’ivya poritike, amatungo yimuka n’ayatimuka yanyazwe mu bihe vy’amagume bitandukanye.

Les décisions de la Commission en la matière sont exécutoires par provision sans préjudice de l’exercice de recours devant les juridictions. Article 63:

Ingingo ya 61: La Commission établit un programme de réparations qui tient compte des préjudices subis par les victimes, des moyens disponibles et des réalités du pays.

Ku vyerekeye imanza zikiriko ziraburanishwa muri sentare zoba zashikirijwe Umugwi, Sentare zirategeka ko hahagarikwa itohoza ryazo, zivyibwirije canke bisabwe n’ababuranyi, mu kurindira ivyo Umugwi ushikako.

Pour la réalisation de ce programme de réparations, l’Etat met en place un fonds de réparation. L’Etat est responsable des réparations en cas de sa propre responsabilité ou d’insolvabilité des auteurs, quitte à se retourner contre ces derniers.

Agace ka 7: Igihe c’ugushumbusha n’ukunywanisha Ingingo ya 62:

Les réparations comporteront des mesures individuelles, collectives, matérielles, morales et/ ou symboliques. Elles consistent en restitutions, indemnisations, réadaptations et autres mesures selon les cas.

Mu bihe bishoboka n’uburyo bukaba buhari, Umugwi urashobora gushinga ko haca hatangwa indishi mu gihe Umugwi uriko urarangura ibikorwa vyawo.

Article 64:

Ingingo zivyerekeye zifashwe n’Umugwi zica zikurikizwa ubwo nyene hatirengagijwe ko zishobora kwungururizwa muri sentare.

Dans l’objectif d’un rapprochement et d’une réconciliation entre les victimes et les présumés auteurs, la Commission élabore une procédure par laquelle les victimes peuvent accorder le pardon aux auteurs qui le demandent et expriment des regrets. La Commission propose au Gouvernement un programme d’actions susceptibles de promouvoir la réconciliation. Ces actions s’inspirent des valeurs culturelles et visent la formation civique.

Ingingo ya 63: Umugwi urategura indinganizo y’ugushumbusha hisunzwe umubabaro n’agahombo abakorewe amabi bagize, uburyo buhari n’uko ibintu vyifashe mu gihugu. Kugira ibitegekanijwe mu ndinganizo y’ugushumbusha bishirwe mu ngiro, Reta irashiraho ikigega cerekeye indishi. Reta ni yo itanga indishi mu gihe amabi yakozwe ari ku gatwe kayo canke mu gihe abayakoze badashoboye kuriha, Reta ikazokwiyishuriza abategerezwa kuriha . Indinganizo y’ugushumbusha izoba igizwe n’ingingo z’ugushumbusha umuntu ku giti ciwe, abantu bafatiwe mu kivunga, zerekeye ibintu bifadika, gufasha abakomeretse ku mutima canke zerekeye ivyibutso. Iyo ndinganizo yerekeye ugusubiza ibintu, ugutanga indishi, ukuvura abamugajwe n’amabi bakorewe hamwe n’izindi ngingo bivanye n’uko ibintu bimeze. Ingingo ya 64: Mu ntumbero y’ugusubiza hamwe n’ukunywanisha

28


abakorewe amabi n’abakekwa ko bayabakoreye, Umugwi urategura uburyo abakorewe amabi bashobora kugirira ikigongwe abayabakoreye bagisavye kandi bakerekana ko bicuza ivyo bakoze. Umugwi urashikiriza Reta indinganizo y’ibikorwa bishobora gutuma ibijanye n’ukunywanisha Abarundi bitera imbere. Ivyo bikorwa vyisunga imico y’Abarundi bikaba bifise intumbero y’ukwigisha gukunda igihugu.

CHAPITRE VIII: DE LA GESTION DES ARCHIVES

Article 65: Les archives de la Commission sont la propriété de l’Etat. Elles sont vitales à la Nation et constituent une partie de son patrimoine et de son histoire.

IGICE CA VIII: IVYEREKEYE UGUTUNGANYA INZANDIKO N’IBINDI BISHOBORA KUBIKWAKO INKURU BISHIRWA MU BUBIKO

Article 66: Durant son mandat, les documents de la Commission doivent être gérés de manière professionnelle, sécurisés dans un service d’archives selon les standards professionnels en la matière. Article 67: La Commission recrute le personnel spécialisé en archivistique pour la gestion des archives.

Ingingo ya 65: Inzandiko z’Umugwi n’ibindi bishobora kubikwako inkuru bishirwa mu bubiko ni ivya Reta. Ni ingirakamaro mu buzima bw’igihugu kandi ni bimwe mu bigize amatungo na kahise k’igihugu.

Article 68: La Commission veille à l’intégrité des archives, à leur sécurité, à leur préservation et établit un protocole relatif à leur accès.

Ingingo ya 66: Mu kiringo Umugwi umara mu mabanga, inzandiko z’Umugwi zitegerezwa gutunganywa mu buryo buhuye n’ubuhinga buvyerekeye, zigakingirwa mu gisata c’ububiko bw’inzandiko hisunzwe ibisanzwe bikurikizwa mu bijanye n’ivyo.

Article 69: Eu égard au volume et à la nature des documents, la complexité des formats dans lesquels ils sont conservés, la Commission, à la fin de son mandat, et avant de transférer son fond documentaire à l’institution désignée, prend au moins les mesures suivantes: a) b) c) d)

Ingingo ya 67: Umugwi uraha akazi abakozi bafise ubuhinga mu vyerekeye ukubika inzandiko n’ibindi bishobora kubikwako inkuru kugira babitunganye. Ingingo ya 68:

identifier les documents à préserver de manière permanente; identifier les copies et autres documents ayant une valeur temporaire qui peuvent être détruits avant la fin de son mandat; déclassifier les documents qui peuvent l’être et transférer aux archives et base de données du siège les documents en format électronique et autres documents conservés ailleurs; décider de l’opportunité de créer une ou des copies de sécurité et de sauvegarde des archives permanentes et proposer les institutions qui en auront la

Umugwi uritwararika ko inzandiko n’ibindi bishobora kubikwako inkuru bishirwa mu bubiko biguma bimeze uko biri, bikingirwa, bibungabungwa, ukongera ugashiraho n’amategeko yerekeye ingene bishobora gukoreshwa. Ingingo ya 69: Bivanye n’ingene inzandiko n’ibindi bibikwako

29


garde; e) considérer dans ses recommandations, la création d’un ou des centres d’Information qui rendent accessibles au public copie de tout ou partie des éléments des archives publiques de la Commission.

inkuru biba bingana n’uko biba bimeze n’ubutandukane bw’ubuhinga bukoreshwa mu kubibika, Umugwi, urangije ikiringo cawo, kandi imbere y’uko ushikiriza urwego rwagenywe ivyo washinguye vyose, urafata n’imiburiburi ingingo zikurikira:

Ces centres doivent être équipés des technologies modernes de communication et être accessibles afin de faciliter la consultation par les chercheurs et toute personne intéressée.

a) b) c) d) e)

kwerekana inzandiko zitegerezwa kwama zibungabungwa; kwerekana amakopi n’izindi nzandiko zifise akamaro mu gihe gito zishobora kuzimanganywa imbere yuko Umugwi urangiza ikiringo cawo; gukura mw’ibanga inzandiko n’ibindi bibikwako inkuru, ku bishobora gukurwa mw’ibanga, no kwimurira mu bubiko no mw’itororokanirizo ry’ivyatororokanijwe ryo ku cicaro c’Umugwi ibibikwa mu buhinga bwa none n’izindi nzandiko n’ibindi bibikwako inkuru bishinguwe ahandi; kuraba ko bikenewe ko hagirwa ikopi canke amakopi y’inzandiko n’ibindi bibikwako inkuru vyokoreshwa mu gihe ivyashizwe mu bubiko vyabaye ntabanduka vyozimangana no kwerekana inzego zoshingwa kubibika; kwitwararika ko mu vyo usaba, harimwo ishingwa ry’ikigo canke ry’ibigo bijejwe gutanga inkuru bituma abanyagihugu bashobora kuraba canke kwumviriza ibiri mu makopi y’ibiri mu nzandiko no mu bindi bibikwako inkuru, vyose canke bimwebimwe, biri mu bubiko bw’Umugwi birekuriwe bose.

Ivyo bigo bitegerezwa kuba bifise ibikoresho vyo mu buhinga bwa none bw’uguhanahana amakuru kandi uwubikeneye agashobora kubishikamwo kugira vyorohere abashakashatsi n’uwundi muntu wese abikeneye.

30


CHAPITRE IX: DES MECANISMES DE SUIVI

IGICE CA IX: UBURYO BW’UGUKURIKIRANA IVYASHIKIRIJWE N’UMUGWI

Ingingo ya 70: Umugwi uhejeje ibikorwa vyawo, urasaba Reta ko yoshiraho urwego rujejwe kurangura imirimo ikurikira:

Article 70: A la fin de ses travaux, la Commission propose au Gouvernement la mise en place d’une structure chargée d’assurer les missions suivantes: a)

le suivi et la mise en œuvre des recommandations de la Commission; b) la gestion des archives et de la documentation de la Commission; c) la gestion des dossiers non conclus par la Commission.

a)

ugukurikirana n’ugushira mu ngiro ivyasabwe n’Umugwi; b) ugutunganya inzandiko n’ibibikwako inkuru vyashizwe mu bubiko n’izindi nzandiko zose z’Umugwi; c) ugutunganya amadosiye Umugwi utasozereye.

Article 71: Ingingo ya 71: Le Gouvernement adresse au Parlement, tous les six mois, un rapport sur l’état d’avancement de la mise en œuvre des recommandations de la Commission. Si ces dernières n’ont pas été mises en œuvre, le Parlement demande au Gouvernement les raisons du retard.

Uko amezi atandatu arangiye, Reta irashikiriza Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka icegeranyo cerekana aho ishirwa mu ngiro ry’ivyasabwe n’Umugwi rigeze. Iyo ivyasabwe bitashizwe mu ngiro, Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zirabaza Reta imvo zatumye biteba gushirwa mu ngiro.

31


CHAPITRE X: DU RAPPORT FINAL

IGICE CA X: ICEGERANYO GISOZERA IBIKORWA VY’UMUGWI

Article 72:

Ingingo ya 72:

A la fin de son mandat, la Commission présente un rapport final au Gouvernement, à l’Assemblée Nationale, au Sénat et aux Nations Unies pour toutes fins utiles.

Umugwi urangije ikiringo cawo, urashikiriza icegeranyo gisozera ibikorwa vyawo, Reta, Inama Nshingamateka, Inama Nkenguzamateka n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira bikoreshe ico cegeranyo ico bibona gikenewe.

Article 73: Ingingo ya 73: Icegeranyo kirerekana ivyashitsweko mu matohoza yagizwe n’ivyashikirijwe mu bihe vyose vy’ukwumviriza abagize ico bashikiriza. Ico cegeranyo gishirwamwo ivyapfunditswe n’Umugwi hafatiwe ku mwihwezo w’ivyashitsweko kandi kikerekana ibihe ivyashitse vyabereyemwo, imvo zabitumye n’inkurikizi zavyo.

Le rapport présente les résultats des investigations menées et de toutes les séances d’auditions. Il contient les conclusions des analyses de ces résultats et indique les contextes dans lesquels les événements se sont produits, leurs causes et leurs conséquences. Article 74:

Ingingo ya 74:

Le rapport contient également les éléments suivants:

Icegeranyo gishirwamwo kandi ibi bikurikira: a) urutonde rw’abagize ico bashikiriza kiretse abatashatse ko amazina yabo amenyekana; b) urutonde rw’abakorewe amabi hamwe n’abantu ata wuzi irengero ryabo; c) urutonde rw’abantu babereye intambamyi ibikorwa vy’Umugwi; d) urutonde rw’ibinogo vyatawemwo abantu benshi vyamenyekanye; e) inzandiko n’ibindi bijanye vyakoreshejwe mu kurondera ukuri; f) ivyo Umugwi usaba bijanye n’ugushumbusha , indinganizo y’ibikorwa vy’ukunywanisha Abarundi hamwe n’ivyokorwa mw’isubirwamwo ry’inzego za Reta ribereye; g) ivyo Umugwi usaba bijanye n’uko hokwandikwa bushasha kahise k’Uburundi hafatiwe ku vyemejwe ko vyabaye kandi vyanditswe mu vyo Umugwi waranguye; h) ivyo Umugwi usaba bijanye n’uburyo bwo gutuma kahise k’igihugu katazimangana biciye mu kubungabunga no gukingira inzandiko n’ibindi bibikwako inkuru vyashizwe mu bubiko; i) ivyo Umugwi usaba bijanye n’ingene homenyekanishwa ibiri mu cegeranyo.

a)

la liste des déposants sauf ceux qui ont souhaité garder l’anonymat; b) la liste des victimes et des personnes disparues; c) la liste des personnes qui ont fait obstruction aux travaux de la Commission; d) la liste des fosses communes identifiées; e) toutes les sources documentaires consultées; f) les recommandations concernant les réparations, le programme de réconciliation et les propositions de réformes institutionnelles appropriées; g) une recommandation de la réécriture de l’histoire sur base des faits établis et consignés dans les travaux de la Commission; h) une recommandation sur la façon de préserver la mémoire par la conservation et la sécurité des archives; i) une recommandation sur les modalités de diffusion du rapport. Le rapport contient en outre les éléments stipulés à l’article 6 et non repris dans l’énumération cidessus.

32


Article 75:

Icegeranyo kirimwo kandi ibivugwa mu ngingo ya 6 ariko bitadondaguwe muri iyi ngingo.

Le rapport final comprend un volet financier. Ingingo ya 75: Icegeranyo gisozera ibikorwa vy’Umugwi kirashirwamwo ibijanye n’ingene amafaranga yakoreshejwe.

Article 76: Le rapport final de la Commission est finalisé et déposé simultanément en kirundi et en français.

Ingingo ya 76:

La Commission élabore une version simplifiée et pédagogique destinée à l’usage du grand public et des écoles.

Icegeranyo gisozera ibikorwa vy’Umugwi giherahezwa kandi kigashikirizwa kiri mu Kirundi no mu Gifaransa. Umugwi urategura incamake y’icegeranyo gisozera ibikorwa vyawo, yoroshe gutahura i izokoreshwa mu gutanga inyigisho kandi ikaba igenewe gukoreshwa na benshi n’amashure.

CHAPITRE XI: DES DISPOSITIONS FINALES

IGICE CA XI: INGINGO ZISOZERA

Article 77: La loi n°1/018 du 27 décembre 2004 portant mission, composition, organisation et fonctionnement de la Commission Nationale pour la Vérité et la Réconciliation ainsi que toutes les dispositions antérieures contraires à la présente loi sont abrogées.

Ingingo ya 77: Ibwirizwa inomero 1/018 ryo ku wa 27 Kigarama 2004 rishinga imirimo y’Umugwi w'igihugu w’ugutohoza ukuri n’ukunywanisha Abarundi, abawugize, ingene utunganijwe n'ingene ukora hamwe n’ingingo zose zahahora ziteye kubiri n’iri bwirizwa birafuswe.

Article 78: La présente loi entre en vigueur le jour de sa promulgation.

Ingingo ya 78: Iri bwirizwa ritangura gushirwa mu ngiro kuva umusi ritangarijweko.

Fait à Bujumbura, le 15 mai 2014,

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 15 Rusama 2014,

Pierre NKURUNZIZA PAR LE PRESIDENT DE LA REPUBLIQUE, VU ET SCELLE DU SCEAU DE LA REPUBLIQUE,

NKURUNZIZA Pierre KU BW’UMUKURU W’IGIHUGU, BIBONYWE KANDI BISHIZWEKO IKIMANGU CA REPUBLIKA,

LE MINISTRE DE LA JUSTICE ET GARDE DES SCEAUX,

UMUSHIKIRANGANJI W’UBUTUNGANE ASHINGURA IKIMANGU CA REPUBLIKA,

Pascal BARANDAGIYE. BARANDAGIYE Pascal.

33


LOI PROTECTION

34


LOI N°1/ 04 DU 27 JUIN 2016 PORTANT PROTECTION DES VICTIMES, DES TEMOINS ET D’AUTRES PERSONNES EN SITUATION DE RISQUE

IBWIRIZWA INOMERO 1/04 RYO KU WA 27 RUHESHI 2016 RIKINGIRA ABAKOREWE IVYAHA, AMASURAAMASURA N’ABANDI BANTU BASHOBORA KUBANGAMIRWA

LE PRESIDENT DE LA REPUBLIQUE,

UMUKURU W’IGIHUGU,

Vu la Constitution de la République du Burundi;

Yihweje Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’Uburundi;

Vu la loi n°1/023 du 31 décembre 2004 portant création, organisation, missions, composition et fonctionnement de la Police nationale;

Yihweje Ibwirizwa inomero 1/023 ryo ku wa 31 Kigarama 2004 rishinga Igiporisi c’igihugu, ingene gitunganijwe, imirimo yaco, abakigize n’ingene gikora;

Vu la loi n°1/08 du 17 mars 2005 portant Code de l’organisation et de la compétence judiciaires;

Yihweje Ibwirizwa inomero 1/08 ryo ku wa 17 Ntwarante 2005 ryerekeye Igitabu c’amategeko aringaniza inzego z’ubutungane n’ububasha bwazo;

Vu la loi n° 1/ 05 du 22 avril 2009 portant Révision du Code Pénal tel que révisé par la loi n°1/20 du 8 septembre 2012 portant modification de certains articles de ce code; Vu la loi n°1/10 du 03 avril 2013 portant révision du Code de procédure pénale;

Yihweje Ibwirizwa inomero 1/05 ryo ku wa 22 Ndamukiza 2009 risubiramwo Igitabu c’amategeko mpanavyaha nk’uko casubiwemwo n’Ibwirizwa inomero 1/20 ryo ku wa 8 Nyakanga 2012 rihindura ingingo zimwezimwe z’ico gitabu;

Vu la loi n° 1/18 du 15 mai 2014 portant création, mandat, composition, organisation et fonctionnement de Commission Vérité et Réconciliation;

Yihweje Ibwirizwa inomero 1/10 ryo ku wa 3 Ndamukiza 2013 risubiramwo Igitabu c’amategeko agenga ingene imanza z’ivyaha zitohozwa, ziburanishwa n’ingene zicibwa;

Le Conseil des Ministres ayant délibéré;

Yihweje Ibwirizwa inomero 1/18 ryo ku wa 15 Rusama 2014 rishinga Umugwi w’ugutohoza ukuri n’ukunywanisha Abarundi, amabanga ushinzwe, abawugize, ingene utunganijwe n’ingene ukora;

L’Assemblée nationale et le Sénat ayant adopté;

Inama Nshikiranganji imaze kuvyihweza; Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zimaze kuvyemeza;

35


PROMULGUE:

ATANGAJE:

CHAPITRE PREMIER. DES DISPOSITIONS GENERALES

IGICE CA MBERE. INGINGO NGENDERWAKO

Section 1. De l’objet

Agace ka 1. Intumbero

Article 1er: Ingingo ya mbere: La présente loi vise la protection des victimes, des témoins et des autres personnes intervenant dans une procédure pénale ou dans les commissions chargées de faire des enquêtes telle que la Commission Vérité et Réconciliation, et qui de ce fait, sont en situation de risque.

Section 2. Des définitions

Iri bwirizwa rifise intumbero y’ugukingira abakorewe icaha, amasura n’abandi bantu bafise uruhara mw’itohoza, iburanishwa n’icibwa ry’imanza z’ivyaha canke mu bikorwa vy’imigwi ijejwe gukora amatohoza nk’Umugwi w’ugutohoza ukuri n’ukunywanisha Abarundi, kubera ivyo, bakaba boshobora kubangamirwa.

Article premier:

Agace ka 2. Insiguro y’amajambo

Au sens de la présente loi, on entend par:

Ingingo ya mbere: Muri iri bwirizwa, aya majambo asigurwa uku gukurikira:

Acteurs du système de justice pénale, les enquêteurs, les officiers du Ministère public, les juges, les avocats et tout autre agent impliqué dans les procédures en matière pénale ou dans les commissions chargées de faire des enquêtes ;

Abafise ivyo bajejwe mu vyerekeye ubutungane mpanavyaha ni abagira amatohoza, abashikirizamanza, abacamanza, abashingwa manza n’uwundi mukozi wese afise ico ajejwe mw’itohoza, iburanishwa n’icibwa ry’imanza z’ivyaha canke mu migwi ijejwe gukora amatohoza;

Autre personne en situation de risque, une personne qui se trouve en situation de risque sérieux du fait de la déposition d’une victime, d’un témoin ou d’un prévenu en aveu de culpabilité. Font partie de cette catégorie notamment les personnes à charge et les membres de la famille d’une victime ou d’un témoin, les repentis et les dénonciateurs;

Uwundi muntu ashobora kubangamirwa ni umuntu ashobora kugira ingorane zikomeye kubera ivyashikirijwe n’uwakorewe icaha, isura canke uwagirizwa icaha yiyemerera ko yagikoze. Abari muri uwo mugwi ni abo uwakorewe icaha canke isura batunze, incuti zabo isura, abishikanye canke abarega uwakoze icaha;

Déposition anonyme, une déposition faite par un témoin sans que son identité apparaisse dans le dossier de la procédure;

Ibishikirizwa n’uwudashaka kumenyekana ni ibishikirizwa n’isura ariko ibimuranga ntibigaragare mw’idosiye y’ibitohozwa;

Mesure de protection, toute mesure prise par le juge ou toute autre autorité intervenant pendant la procédure judiciaire ou devant une commission qui vise à préserver la sécurité, le bien-être physique et psychologique, la dignité et le respect de la vie privée des victimes, des témoins et de toute autre personne en situation de risque;

Ingingo yerekeye ugukingira ni ingingo yose ifatwa n’umucamanza canke uwundi mutegetsi wese afise ico ajejwe mu bijanye n’imanza canke mu mugwi, ifise intumbero y’ukubungabunga umutekano w’abakorewe ivyaha, amasura n’uwo wese ashobora kubangamirwa, ukubaho neza n’ugutekanirwa

36


Personne à protéger, une personne qui doit bénéficier des mesures de protection;

kwabo, iteka n’ukutivanga mu buzima bwabo bwa minsi yose amasura;

Réinsertion des personnes protégées, le fait de déplacer les personnes protégées de leur résidence habituelle vers un autre lieu situé dans une autre circonscription où leur sécurité est assurée;

Umuntu wo gukingira ni umuntu ategerezwa gutegekanirizwa ingingo z’ukumukingira; Ukwimurira abantu bakingiwe ahandi hantu ni ugukura abantu bakingiwe aho bari basanzwe baba bagashirwa mu kindi kibanza co mu kandi karere, aho umutekano wabo ukingiwe;

Témoin, une personne qui, possédant des informations pertinentes dans le cadre d’une procédure pénale ou devant une commission chargée de faire des enquêtes, fait ou accepte de faire une déclaration, témoigne ou accepte de témoigner et qui, de ce fait, court un risque sérieux d’atteinte à son intégrité physique ou mentale, d’une perte matérielle ou d’une atteinte à ses droits fondamentaux;

Isura ni umuntu afise ivyo azi bishemeye ashikiriza mu rubanza rw’ivyaha, canke imbere y’umugwi ujejwe gukora amatohoza, amenyesha canke yemera kumenyesha, asura canke yemera gusura, kubera ivyo, bigashobora kumukwegera mu ngorane zifise ingaruka mbi ku magara yiwe, agatakaza ibintu canke agahonyangirwa amateka ngenderwako;

Victime, une personne qui a, individuellement ou collectivement, subi un préjudice, notamment une atteinte à son intégrité physique ou mentale, une souffrance morale, une perte matérielle ou une atteinte à ses droits fondamentaux, du fait d’actes ou d’omissions constituant une infraction.

Section 3. Des obligations générales

Uwakorewe icaha/amabi ni umuntu yagiriwe nabi, we nyene ubwiwe canke mu kivunga, nko mu kumusinzikariza ubuzima, canke kumutuntuza ku mutima, agatakaza ibintu canke hagahonyangwa amateka ngenderwako yiwe, bivuye ku vyo yakorewe canke atakorerwe navyo bikaba ari icaha.

Article 3:

Agace ka 3. Ibitegerezwa muri rusangi

Dans l’exercice de leurs missions de protection, l’officier de police judiciaire, l’officier du Ministère public, le juge, les membres d’une commission ou toute autorité compétente chargée d’enquête, tout membre de l’Unité de protection et d’assistance des victimes et des témoins s’assurent que les mesures prises préservent suffisamment la sécurité, le bien-être physique et psychologique, la dignité et le respect de la vie privée des victimes, des témoins et des autres personnes en situation de risque sérieux.

Ingingo ya 3: Mu kurangura imirimo yabo y’ugukingira abashobora kubangamirwa, inyamiramabi, umushikirizamanza, umucamanza, abagize umugwi canke umutegetsi wese abifitiye ububasha ajejwe itohoza, uwo wese ari mu bagize Umugwi ujejwe gukingira no gufasha abakorewe ivyaha hamwe amasura baritwararika ko ingingo zifatwa z’ukubungabunga bikwiye umutekano w’abakorewe ivyaha, amasura n’abo bose bashobora kubangamirwa bimwe bikomeye, ukubaho neza n’ugutekanirwa kwabo, iteka n’ukutivanga mu buzima bwabo bwa minsi yose.

Article 4: Toutes les mesures de protection adoptées doivent être proportionnelles à la gravité du risque. L’autorité concernée prend en compte tous les facteurs pertinents, y compris le niveau de menace, l’âge, le sexe, l’état de santé et la nature du crime, spécialement en cas de torture ou d’autres traitements cruels, inhumains ou dégradants, de violences sexuelles ou basées sur le genre et en cas de violences contre les enfants.

Ingingo ya 4: Ingingo zose z’ugukingira abashobora kubangamirwa zifatwa zitegerezwa kuba zihuye n’uburemere bw’ibishobora kubabangamira. Ubutegetsi bubijejwe bufatira kuri ivyo vyose bubona ko bifise ishingiro, harimwo urugero rw’ukubangamirwa, imyaka, igitsina, uko amagara yifashe n’akamere k’icaha cakozwe, na canecane igihe ari ugusinzikaza ubuzima canke ugufata umuntu bunyamaswa, ugushurashuzwa ku nguvu canke amabi ashingiye ku gitsina n’igihe ari amabi akorerwa abana.

37


CHAPITRE II DES MESURES DE PROTECTION

IGICE CA II INGINGO ZEREKEYE UGUKINGIRA

Section 1. Des mesures de protection à caractère juridictionnel

Agace ka 1. Ingingo zerekeye ugukingira zifatwa na sentare

Article 5:

Ingingo ya 5:

Avant toute instruction au fond, le juge s’assure que toutes les mesures de protection de la victime, du témoin ou de toute autre personne en situation de risque ont été correctement appliquées pendant les phases antérieures de la procédure.

Imbere y’ukuburanisha urubanza mw’ido n’ido, umucamanza aritwararika ko ingingo zose z’ugukingira uwakorewe icaha, isuracanke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa zakurikijwe neza mu matohoza yabaye imbere yuko urubanza rushingwa.

Article 6: Ingingo ya 6: Le juge peut, d’office ou à la demande du Ministère public, de la défense, d’un témoin, d’une victime ou de son représentant ou d’un tuteur, ordonner toutes les mesures procédurales nécessaires pour protéger une victime, un témoin ou toute autre personne en situation de risque sérieux du fait de sa déposition, plus particulièrement les victimes et les témoins vulnérables tels que les enfants, les personnes âgées, les personnes handicapées et les victimes de violences sexuelles ou basées sur le genre.

Umucamanza arashobora, avyibwirije canke abisabwe n’umushikirizamanza, abafasha bene urubanza kuburana , isura, uwakorewe icaha canke uwumuserukira canke n’umurezi w’uwakorewe icaha, gufata ingingo zose zijanye n’urubanza zikenewe kugira hakingirwe uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa bivuye ku vyo yashikirije, canecane abakorewe ivyaha n’amasura bashobora kubangamirwa gusumba abandi nk’abana, abageze mu zabukuru, abagendana ubumuga n’abakorewe ivyaha vy’ugushurashuzwa ku nguvu canke ivyaha bishingiye ku gitsina.

Article 7: Le juge peut, d’office ou à la demande du Ministère public, de la défense, d’un témoin, d’une victime ou de son représentant ou d’un tuteur, autoriser une déposition anonyme.

Ingingo ya 7: Umucamanza arashobora, avyibwirije canke abisabwe n’Umushikirizamanza, abafasha bene urubanza kuburana, isura, uwakorewe icaha canke uwumuserukira canke umurezi wiwe, kwemera ko hakirwa ibishikirizwa n’uwudashaka kumenyekana.

Toutefois, aucune condamnation ne peut être prononcée uniquement sur base d’une déposition anonyme. Article 8:

Ariko, nta gihano na kimwe gishobora gufatwa hafatiwe gusa ku vyashikirijwe n’uwudashaka kumenyekana.

Les mesures de protection à caractère juridictionnel prises par l’autorité judiciaire ne doivent pas être préjudiciables aux droits de la défense et aux exigences d’un procès équitable et impartial. La décision accordant le bénéfice de ces mesures peut, le cas échéant, faire l’objet d’un recours en appel.

Ingingo ya 8: Ingingo zerekeye ugukingira zifatwa na sentare ntizishobora kuba intambamyi ku burenganzira bw’ukwiregura no ku bitegerejwe kugira hacibwe urubanza rubereye. Ingingo yerekeye gukingira irashobora, iyo bikenewe, kwunguruzwa.

Article 9: Les mesures de protection à caractère juridictionnel

38


consistent, entre autres, à:

Ingingo ya 9:

1° Ordonner aux parties, aux avocats, aux médias ou à toute personne concernée la non-divulgation de l’identité du témoin, de celle de la victime ou celle de toute autre personne à risque;

Ingingo zerekeye ugukingira zifatwa na sentare ni nk’izi zikurikira: 1° Gutegeka ababuranyi, abashingwamanza, ibimenyeshamakuru canke umuntu wese biraba kugumiza mw’ibanga ibiranga isura, uwakorewe icaha canke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa;

2° Recourir, au cours des audiences publiques et dans les documents officiels, à un pseudonyme ou à un numéro pour désigner la personne à protéger;

2° Gukoresha, mu ntahe z’icese no mu nzandiko zitangwa n’uwubifitiye ububasha, izina yitirirwa na sentare canke inomero mu kuvuga umuntu wo gukingirwa;

3° Autoriser une victime ou un témoin à dissimuler son visage et à déformer sa voix; 4° Dissimuler les adresses, les lieux de résidence et de travail, la profession ou les autres informations contenues dans le dossier de nature à révéler l’identité de la victime, celle du témoin ou celle d’une autre personne à risque;

3° Kwemerera uwakorewe icaha canke isura guhisha mu maso no guhindura ijwi ryiwe; 4° Guhisha aho uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa abarizwa, aho aba n’aho akorera, umwuga wiwe canke izindi nkuru biri mw’idosiye bishobora gutuma amenyekana;

5° Ordonner au greffier de modifier l’aménagement de la salle d’audience et des locaux du tribunal afin de: • •

mettre le témoin à l’abri des regards du public et du prévenu; veiller à l’absence de contact direct entre le témoin et l’accusé, d’une part, les témoins entre eux ainsi que le témoin et le public, d’autre part;

5° Gutegeka umwanditsi w’imanza guhindura ingene ahabera intahe y’icese n’inyubakwa za Sentare bisanzwe bitunganijwe mu ntumbero yo: •

6° Prendre toute disposition utile pour mettre le témoin ou la victime à l’abri de tout contact immédiatement avant et après sa déposition;

7° Recourir à la déposition ou au témoignage par téléconférence;

gushira isura mu kibanza gituma abumviriza urubanza hamwe n’uwagirizwa icaha batamubona; kwitwararika ko isura itabonana n’uwagirizwa icaha, ko amasura atabonana hagati yayo n’uko isura itabonana n’abaje kwumviriza urubanza;

8° Tenir l’audience à huis clos;

6° Gufata ingingo yose ikenewe yotuma isura canke uwakorewe icaha ata n’umwe bavugana imbere canke bamaze kwumvirizwa;

9° Prendre des mesures visant à faciliter la déposition d’une victime ou d’un témoin traumatisé, notamment un enfant, une personne âgée ou une victime de violences sexuelles, telles que:

7° Gukoresha ubuhinga bw’uguhanahana amakuru ku bari kure na kure kandi babonana mu gushikiriza ivyo bazi canke mu gusura; 8° Kuburanisha mu ntahe y’umwiherero;

• •

faire recours à des techniques adéquates d’audition; autoriser, à des fins de soutien psychologique, une personne qualifiée ou de confiance telle qu’un expert psychosocial, un membre de la famille à accompagner le témoin; accorder des pauses lors de la déposition;

9° Gufata ingingo zorohereza igikorwa c’ukwumviriza uwakorewe icaha canke isura yahahamutse, nk’umwana, uwugeze mu zabukuru canke uwakorewe amabi yo gushurashuzwa ku nguvu, nk’izi zikurikira: •

39

gukoresha ubuhinga bubereye bw’ukwumviriza;


• 10° Prendre toute autre mesure nécessaire en fonction de la menace qui pèse sur la victime, le témoin ou toute autre personne à protéger. •

Section 2. Des mesures de protection à caractère non juridictionnel

kwemera ko, mu ntumbero y’ugushigikira isura, umuntu yavyigiye canke w’umwizigirwa nk’uwanonosoye ibijanye n’inyifato n’imibano canke uwo mu muryango amuherekeza; kuja haratangwa akaruhuko mu gihe c’ukwumviriza ibiriko birashikirizwa;

10° Gufata iyindi ngingo yose ikenewe bitumwe n’ibibangamiye uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu wese wo gukingira.

Article 10: Les mesures susceptibles d’être prises par les autorités ou les commissions d’enquête ainsi que par le Ministère public consistent notamment à:

Agace ka 2. Ingingo zerekeye ugukingira zidafatwa na Sentare

1° Recueillir et analyser les informations relatives aux menaces qui pèsent sur les victimes, les témoins et les autres personnes en situation de risque et adopter des techniques d’audition propres à assurer leur protection;

Ingingo ya 10: Ingingo zishobora gufatwa n’abategetsi canke imigwi y’amatohoza hamwe n’ubushikirizamanza ni nk’izi zikurikira:

2° Garantir la confidentialité de la déposition des victimes ou des témoins;

1° Gutororokanya no kwihweza inkuru zerekeye iterabwoba rigirirwa abakorewe icaha, amasura n’abandi bantu bashobora kubangamirwa hamwe no gukoresha ubuhinga bubereye bw’ukwumviriza butuma bakingirwa;

3° Veiller à ce qu’il n’y ait, au cours de l’enquête ou de l’instruction, aucune altercation entre le témoin ou la victime et l’auteur présumé le cas échéant; 4° Informer les victimes et les témoins des mesures de protection dont ils peuvent bénéficier et des structures de prise en charge en cas de danger imminent;

2° Kwizeza ko ivyo abakorewe icaha canke amasura bashikirije bigumizwa mw’ibanga; 3° Kwitwararika ko, mu gihe c’itohoza ry’urubanza, hataba ugushamirana hagati y’isura canke uwakorewe icaha n’uwugikekwako mu gihe bishitse;

5° Veiller à ce que toute intimidation présumée à l’égard d’une victime ou d’un témoin soit signalée et fasse l’objet d’une enquête;

4° Kumenyesha abakorewe icaha hamwe n’amasura ingingo zishobora kubakingira n’ibisata bashobora kwitura mu gihe bigaragara ko bageramiwe;

6° Contribuer à la mise en œuvre des mesures identifiées par les points focaux pour la protection des témoins et visant à accroître la sécurité des victimes, des témoins et des autres personnes en situation de risque;

5° Kwitwararika ko iterabwoba ryose ryoba ryagiriwe uwakorewe icaha canke isura rimenyeshwa kandi hagakorwa n’itohoza;

7° Aider les témoins en situation de risque à comparaître en justice dans des conditions sûres.

6° Gufasha gushira mu ngiro ingingo zitororokanijwe n’abajejwe gukurikiranira hafi ibijanye n’ugukingira amasura kandi zikagira intumbero yo kwongereza umutekano w’abakorewe icaha, uw’amasura n’abandi bantu bobangamirwa ;

Article 11: Les mesures de protection peuvent être levées notamment dans les cas suivants: 1° Lorsque la décision d’admission a été prise sur base de fausses prétentions de la personne protégée ;

7° Gufasha amasura ashobora kubangamirwa kurenguka imbere y’ubutungane mu mutekano. Ingingo ya 11:

40


2° En cas d’inconduite de la personne protégée notamment lorsqu’elle divulgue des informations confidentielles la concernant ou relatives à d’autres personnes protégées.

Ingingo zerekeye ugukingira zirashobora gukurwaho nko mu bihe bikurikira: 1° Igihe hafashwe ingingo y’ugukingira umuntu hafatiwe ku vyo yashikirije bitari ukuri;

CHAPITRE III DE L’UNITE DE PROTECTION DES VICTIMES, DES TEMOINS ET D’AUTRES PERSONNES EN SITUATION DE RISQUE

2° Iyo uwukingiwe yigenjeje nabi nko mu gihe ashize ahabona inkuru zategerezwa kugumizwa mw’ibanga zimwerekeye canke zerekeye abandi bantu bakingiwe.

IGICE CA III IVYEREKEYE IGISATA KIJEJWE GUKINGIRA ABAKOREWE ICAHA, AMASURA N’ABANDI BANTU BASHOBORA KUBANGAMIRWA

Section 1. De l’Unité de protection au cours d’une procédure judiciaire Article 12: Il est institué au sein du Ministère ayant la justice dans ses attributions une Unité de protection des victimes, des témoins et d’autres personnes en situation de risque. L’unité de protection est l’organe responsable de la mise en place et de la coordination des mesures de protection, de soutien et d’assistance à l’égard des victimes, des témoins et d’autres personnes courant un risque à tous les stades de la procédure judiciaire. Article 13:

Agace ka 1. Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa mu gihe c’itohoza n’iburanisha Ingingo ya 12: Harashinzwe mu Bushikiranganji bujejwe ubutungane Igisata kijejwe gukingira abakorewe icaha, amasura hamwe n’abandi bantu bashobora kubangamirwa.

L’Unité de protection comprend notamment des spécialistes de la sécurité, du droit, de la santé mentale, des questions liées au genre et de l’assistance psychosociale.

Igisata kijejwe gukingira ni rwo rwego rujejwe gushiraho n’ugukurikiranira hafi ingingo zerekeye ugukingira, ukuremesha n’ugushigikira abakorewe icaha, amasura n’abandi bantu bashobora kubangamirwa ku ntambwe zose z’itohoza n’iburanisha ry’urubanza.

Article 14: Les membres de l’Unité de protection sont nommés par ordonnance du Ministère ayant la justice dans ses attributions.

Ingingo ya 13: Article 15: Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa urimwo nk’abahinga mu bijanye n’umutekano, amategeko, indwara zo mu mutwe, ibibazo bishingiye ku gitsina n’abahinga bafasha mu bijanye n’inyifato y’umuntu mu kubana n’abandi.

L’Unité de protection élabore et met en œuvre un programme de perfectionnement de son personnel notamment dans les domaines de la sécurité, de la prise en charge psycho traumatique des victimes des violences basées sur le genre et des violences

41


Ingingo ya 14:

sexuelles, de la déontologie ainsi que les droits des victimes et des témoins.

Abagize Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa bagenwa n’Itegeko nshikiranganji ry’Umushikiranganji ajejwe ubutungane.

Article 16: L’Unité de protection met en œuvre ou coordonne l’application de toutes les mesures de protection par les actions suivantes:

Ingingo ya 15 : Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa urategura ukongera ugashira mu ngiro umugambi w’ugukarihiriza ubwenge abakozi bawo nko mu bijanye n’umutekano, ugufasha abahahamutse kubera ivyaha bakorewe vyo gukubagurwa bishingiye ku gitsina n’amabi ajanye n’ugushurashuzwa ku nguvu, mu bijanye n’akarangamutima hamwe n’uburenganzira bw’abakorewe icaha hamwe n’amasura.

1° Fournir à la police des conseils utiles en matière de protection des témoins; 2° Evaluer les menaces et les risques à l'égard des victimes, des témoins et d’autres personnes en situation de risque et déterminer des mesures appropriées et proportionnelles afin d’atténuer le risque;

Ingingo ya 16: 3° Prendre les mesures de protection en tenant compte de leur répercussion sur le bien-être physique et psychologique de la victime, du témoin ou de toute autre personne en situation de risque et déterminer des mesures propres à limiter l'impact négatif;

Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa urashira mu ngiro canke ugakurikiranira hafi ishirwa mu ngiro ry’ingingo zose z’ukubakingira mu gukora ibi bikurikira: 1° Guha igiporisi impanuro zikenewe mu bijanye n’ugukingira amasura;

4° Demander aux autorités de police compétentes de mettre en œuvre ou de contribuer à l’application des mesures de protection destinées à atténuer les risques;

2° Kwihweza urugero rw’ibigeramiye n’ibishobora kubangamira abakorewe icaha, amasura n’abandi bantu bageramiwe, n’ugutomora ingingo zibereye kandi zikwiriye kugira hagabanurwe ibishobora kubabangamira;

5° Couvrir les frais de transport et d’hébergement des victimes et des témoins exposés au risque pendant la phase de déposition et leur offrir toute autre facilité adéquate pour leur comparution devant l’organe concerné;

3° Gufata ingingo zerekeye gukingira uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu ashobora kubangamirwa harabwe inkurikizi k’ukubaho neza n’ugutekanirwa kwabo,, no gutomora ingingo zikenewe kugira hagabanywe ingaruka mbi zoturuka kuri izo ngingo;

6° Impliquer, le cas échéant, les autorités administratives et judiciaires, les organisations de la société civile et les communautés locales dans la mise en œuvre des mesures de protection.

4° Gusaba ababifitiye ububasha mu giporisi gushira mu ngiro canke gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’ingingo z’ugukingira ababikeneye zigenewe kugabanya ibibabangamira;

Les mesures visées au litera 2° de l’alinéa 1 du présent article 17 consistent notamment à: • •

renforcer la sécurité du lieu de résidence de la victime, du témoin ou de toute autre personne en situation de risque; accroître la surveillance de la situation sécuritaire dans la zone où réside la victime, le témoin ou toute autre personne en situation de risque; éloigner temporairement de son lieu de résidence la victime, le témoin ou toute autre personne en situation de risque, jusqu'à ce que la menace disparaisse; envisager la réinstallation de la victime,

5° Kurihira abakorewe icaha hamwe n’amasura boshobora kubangamirwa amafaranga y’ukwiyunguruza n’ay’uburaro mu gihe c’ugushikiriza ibirego n’ivyo basura no kuborohereza mu bundi buryo bwose kugira bashobore kurenguka mu rwego rubakeneye; 6° Gukorana, iyo bikenewe, n’abajejwe intwaro n’inzego z’ubutungane, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’abanyagihugu baba mu karere kamwe n’abakingirwa, mw’ishirwa mu ngiro ry’ingingo

42


zerekeye gukingira.

du témoin ou de toute autre personne en situation de risque, jusqu’à ce que la menace disparaisse;

Ingingo zivugwa mu karongo ka 2° k’agahimba ka 1 k’iyi ngingo zerekeye nk’ibi bikurikira:

Article 17: • Il est prévu dans le budget annuel de fonctionnement du Ministère de la Justice, les frais de fonctionnement de l’Unité de protection et de mise en œuvre des mesures de protection.

Article 18: • L’Unité de protection élabore des procédures opérationnelles normalisées relatives notamment à la demande et à la gestion des fonds affectés au financement de la protection des victimes, des témoins et des autres personnes à risque. Elle élabore également son règlement d’ordre intérieur, un son code de conduite ainsi que d’autres directives appropriées.

gukomeza umutekano ahaba uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa; gucungera umutekano kuruta uko vyahora mu karere kabamwo uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa; kwimurira kure vy’imfatakibanza uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa , kugeza ikimugeramiye kihavuye; gutegekanya aho uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa aba arabaye gushika ikimugeramiye kihavuye.

Ingingo ya 17:

Section 2. De l’unité de protection et d’assistance des victimes et des témoins devant une commission Paragraphe 1er. Des dispositions générales

Harategekanijwe, mu mafaranga akoreshwa ku mwaka n’Ubushikiranganji bw’ubutungane, ayo Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa n’ay’ugushira mu ngiro ingingo z’ugukingira abo bantu.

Article 19:

Igingo ya 18:

L’Unité de protection et d’assistance des victimes et des témoins est mise en place par la Commission conformément aux dispositions de l’acte portant sa création et à la présente loi.

Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa urategura amategeko akurikizwa nko mu gusaba no mu gukoresha amafaranga agenewe ugukingira abakorewe ivyaha, amasura canke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa. Urategura kandi amategeko ntunganyabikorwa yawo, amategeko agenga inyifato, hamwe n’izindi ntumbero zisungwa zivyerekeye.

Article 20: Toutes les mesures de protection doivent être proportionnées à la gravité du risque qui menace la personne à protéger. Article 21:

Agace ka 2. Igisata kijejwe gukingira no gushigikira abakorewe ivyaha hamwe n’amasura imbere y’umugwi

Toutes les mesures de protection doivent être adoptées avec le consentement éclairé des personnes qui en sont bénéficiaires.

Agahimba ka mbere. Ingingo ngenderwako Ingingo ya 19:

Paragraphe 2. Des missions et de la responsabilité de l’Unité de protection et d’assistance

Igisata kijejwe gukingira no gushigikira abakorewe ivyaha hamwe n’amasura gishirwaho n’Umugwi ujejwe kugira amatohoza hisunzwe ingingo zitegekanijwe n’ibwirizwa riwushinga hamwe n’iri bwirizwa.

Article 22: L'Unité est notamment chargée de: 1° Assister et conseiller la Commission, les organes, les équipes d'enquête et les services de

43


Ingingo ya 20:

la Commission sur toute question se rapportant à la protection et à la prise en charge des victimes et des témoins qui comparaissent devant la Commission;

Ingingo zose zerekeye ugukingira zifatwa zitegerezwa kuba zihuye n’uburemere bw’ibishobora kubangamira umuntu akingirwa.

2° Assurer la protection et la sécurité des victimes, des témoins et d’autres personnes en situation de risque en tenant compte de leurs besoins et de leur situation particulière par des mesures adéquates;

Ingingo ya 21 : Ingingo zerekeye ugukingira zitegerezwa gufatwa abo zerekeye bazisiguriwe kandi bakazemera. Agahimba ka 2. Imirimo y’Igisata kijejwe gukingira n’ugushigikira abakorewe ivyaha hamwe n’amasura n’ivyo kibazwa

3° Etablir des plans de protection en collaboration avec les personnes à protéger;

Ingingo ya 22:

4° Aider les bénéficiaires de la protection à obtenir le soutien médical, psychologique et les autres formes d’assistance dont ils ont besoin pour témoigner dans des conditions favorables;

Igisata kijejwe gukingira n’ugushigikira abakorewe ivyaha hamwe n’amasura gishinzwe nk’ibi a : bikurikir :

5° Proposer à la Commission l’adoption de mesures de protection prévues par la présente loi ou de toute autre mesure jugée appropriée;

1° Gufasha no guhanura Umugwi, inzego zawo, imigwi igira amatohoza n’ibisata vyawo ku kibazo cose kijanye n’ugukingira n’ugufasha abakorewe ivyaha hamwe n’amasura barengutse imbere y’Umugwi;

6° Coopérer avec les structures étatiques et au besoin non étatiques ainsi qu’avec les organisations internationales;

2° Gukingira abakorewe ivyaha, amasura n’abandi bantu bashobora kubangamirwa ufatiye ku vyo bakeneye n’ingene bamerewe mu gufata ingingo zikwiriye;

7° Proposer à la Commission des mesures pouvant faciliter la participation des groupes vulnérables et particulièrement des victimes de violences sexuelles et celles basées sur le genre à toutes les phases de l’enquête.

3° Gushiraho, gifadikanije n’abakingirwa, indinganizo z’ingene bakingirwa;

Article 23:

4° Gufasha abakingiwe kugira bashigikirwe mu vy’ukuvurwa, ugutekanirwa mu mutima hamwe n’ubundi buryo bwose bw’ukubashigikira bakeneye kugira basure batekaniwe;

Pour s’acquitter utilement et efficacement de ses fonctions, l’Unité doit: 1° Veiller à ce que son personnel respecte en toute circonstance la règle de confidentialité; 2° Respecter les droits des victimes, des témoins et des autres personnes à protéger;

5° Gushikiriza Umugwi ingingo zerekeye gukingira zitegekanijwe n’iri bwirizwa canke iyindi ngingo yose kibona ko ikenewe, kugira uzemeze;

3° Apporter l’assistance nécessaire aux victimes, aux témoins et aux autres personnes qui en ont besoin, pendant et après l’enquête;

6° Gukorana n’inzego za Reta n’iyo bikenewe n’izitari iza Reta hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu;

4° Proposer à la Commission un programme de perfectionnement de son personnel dans les domaines concernant notamment la sécurité, la prise en charge psycho traumatique des victimes des violences sexuelles et celles basées sur le genre, la déontologie ainsi que les droits des victimes et des témoins;

7° Gushikiriza Umugwi ingingo zishobora kworohereza imigwi y’abahohotewe, na canecane abakorewe amabi y’ugushurashuzwa ku nguvu n’ayashingiye ku gitsina, kugira uruhara ku ntambwe zose z’amatohoza.

5° Identifier les barrières qui peuvent empêcher

Kugira kirangure uko bikenewe kandi bibereye

Ingingo ya 23:

44


les victimes et les témoins de faire la déposition ou de témoigner.

amabanga gishinzwe, Igisata kijejwe gukingira ababangamiwe gitegerezwa: 1° Kwitwararika ko abakozi baco bama bubahiriza ibihe vyose ivyerekeye ukugumiza mw’ibanga inkuru;

Section 3. De la réinstallation des personnes protégées Article 24:

2° Kwubahiriza uburenganzira bw’abakorewe icaha, amasura n’abandi bantu bo gukingira;

La décision de réinstallation est prise par l’Unité de protection en concertation avec les personnes protégées.

3° Gufasha uko bikenewe kwose abakorewe icaha, amasura n’abandi bantu babikeneye, mu gihe c’itohoza n’inyuma yaryo;

Article 25:

4° Gushikiriza Umugwi indinganizo y’ibikorwa vy’ugukarihiriza ubwenge abakozi bawo mu vyerekeye nk’umutekano, ugufasha abahahamutse kubera ivyaha bakorewe vy’ugushurashuzwa ku nguvu no gukubagurwa bishingiye ku gitsina, mu bijanye n’akarangamutima hamwe no ku burenganzira bw’abakorewe icaha hamwe n’amasura;

L’Unité de protection décide de la réinstallation lorsque les conditions ciaprès sont réunies: • •

la victime, le témoin ou toute autre personne en situation de risque est exposé à un danger grave et imminent; la victime, le témoin ou toute autre personne en situation de risque a donné librement et en connaissance de cause son consentement; il n'existe aucun autre moyen viable d'assurer la protection de la victime, du témoin ou de toute autre personne en situation de risque.

5° Kumenya intambamyi zishobora kubuza abakorewe icaha canke amasura gushikiriza ibirego canke gusura.

Agace ka 3. Ukwimurira ahandi abantu bakingiwe

Article 26: Ingingo ya 24: L'Unité peut également réinstaller toutes les autres personnes auxquelles les dépositions des victimes ou des témoins peuvent faire courir des risques graves.

Ingingo y’ukwimurira ahandi abantu bakingiwe ifatwa n’Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa kivyumvikanye n’abo vyerekeye.

Article 27:

Ingingo ya 25:

La mise en œuvre de la mesure de réinstallation est exécutée par l’Unité de protection.

Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa gifata ingingo y’ukwimurira ahandi abantu bakingiwe iyo ibisabwa bikurikira bikwiye:

A cet effet, l’Unité de protection peut recourir à l'assistance des points focaux et peut requérir la participation d’autres autorités nationales, provinciales ou locales et le cas échéant des organisations de la société civile dans l'exécution de cette tâche.

• •

Article 28: • L’Unité élabore des procédures opérationnelles, un code de conduite interne et d’autres directives appropriées qui guident le personnel dans l’accomplissement de sa mission.

uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu ashobora kubangamirwa asugerejwe n’ikintu gikomeye ; uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa avyiyemereye ata gahato kandi azi neza ivyo yemeye; ata bundi buryo na bumwe bushoboka bwo gukingira uwakorewe icaha, isura canke uwundi muntu wese ashobora kubangamirwa

Ingingo ya 26:

45


Igisata kirashobora kandi kwimurira ahandi abandi bantu bose bashobora kubangamirwa kubera ivyashikirijwe n’abakorewe icaha hamwe n’amasura. Ingingo ya 27: Ingingo y’ukwimurira ahandi abakingirwa ishirwa mu ngiro n’Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa . Kubera ivyo, Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa kirashobora kwikora ku bajejwe gukurikiranira hafi ibikorwa vy’Umugwi kandi kigashobora gusaba ko abandi bategetsi bo ku rwego rw’igihugu, urw’intara canke abo mu nzego z’intango, n’iyo bikenewe, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bafasha mw’irangurwa ry’ico gikorwa. Ingingo ya 28: Igisata kirategura ingene ibikorwa bitunganywa, amategeko agenga inyifato n’izindi ngingo zibereye zifasha abakozi mu kurangura umurimo bashinzwe.

46


CHAPITRE IV DE LA COOPERATION INTERNATIONALE

IGICE CA IV IVYEREKEYE UGUFASHANYA N’AMAKUNGU

Article 29:

Ingingo ya 29:

L’Etat peut soumettre par voie diplomatique les demandes de réinstallation des personnes à protéger auprès des pays étrangers.

Reta irashobora gusaba ko abantu bakingiwe bimurirwa mu bindi bihugu ibicishije mu nzira y’imigenderanire.

Article 30:

Ingingo ya 30:

L’Unité de protection coordonne la mise en œuvre et fait le suivi des mesures de protection à l’égard des personnes dont la réinstallation à l’étranger a été approuvée. A cet égard, elle est habilitée à faire appel à l’assistance d‘autres acteurs notamment les services d’immigration, de la sécurité publique, de la santé publique et la société civile.

Igisata kijejwe gukingira abakorewe icaha hamwe n’amasura kiraroranya kikongera kigakurikirana ishirwa mu ngiro ry’ingingo z’ugukingira abantu bemerewe kwimurirwa mu mahanga. Kubera ivyo, Igisata kirafise ububasha bwo gusaba gufashwa n’ibindi bisata nk’igisata kijejwe ivyerekeye abasohoka n’abinjira mu gihugu, igisata c’umutekano w’abanyagihugu, ic’amagara y’abantu n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Article 31:

Ingingo ya 31:

L’Unité de protection collabore avec les réseaux internationaux de protection des victimes, des témoins ou d’autres personnes en situation de risque pour renforcer ses capacités en matière de protection et d’assistance.

Igisata kijejwe gukingira abashobora kubangamirwa kirakorana n’amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe gukingira abakorewe ivyaha, amasura canke abandi bantu abashobora kubangamirwa kugira congereze ubushobozi n’ubumenyi mu bijanye n’ugukingira n’ugufasha.

47


CHAPITRE V DES DISPOSITIONS FINALES

IGICE CA V INGINGO ZISOZERA

Article 32:

Ingingo ya 32:

L’application de cette loi ne porte pas préjudice aux dispositions du Code pénal sur le faux témoignage.

Ikurikizwa ry’iri bwirizwa ntiribuza ko ingingo zitegekanijwe mu Gitabu c’amategeko mpanavyaha ku vyerekeye ugusura ibinyoma zikurikizwa.

Article 33:

Ingingo ya 33:

Toutes les dispositions antérieures contraires à la présente loi sont abrogées.

Ingingo zose zahahora ziteye kubiri n’iri bwirizwa zirafuswe.

Article 34:

Ingingo ya 34:

La présente loi entre en vigueur le jour de sa promulgation.

Iri bwirizwa ritangura gukurizwa kuva umunsi ritangarijweko.

Fait à Bujumbura, le 27 juin 2016

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 27 Ruheshi 2016

Pierre NKURUNZIZA

NKURUNZIZA Pierre

PAR LE PRESIDENT DE LA REPUBLIQUE,

KU BW’UMUKURU W’IGIHUGU,

VU ET SCELLE DU SCEAU DE LA REPUBLIQUE,

BIBONYWE KANDI BISHIZWEKO IKIMANGU CA REPUBLIKA,

LE MINISTRE DE LA JUSTICE ET GARDE DES SCEAUX,

UMUSHIKIRANGANJI W’UBUTUNGANE ASHINGURA IKIMANGU CA REPUBLIKA,

Aimée Laurentine KANYANA KANYANA Aimée Laurentine

48


49


50


51


TOUTE REPRODUCTION DE CE DOCUMENT EST INTERDITE SANS L’ACCORD PRÉALABLE DE LA COMMISSION VÉRITÉ ET RÉCONCILIATION (CVR) BIRABUJIJWE GUSUBIRAMWO IKI GITABO UMUGWI W’UGUTOHOZA UKURI N’UKUNYWANISHA ABARUNDI UDATANZE URUHUSHA.

52


Turn static files into dynamic content formats.

Create a flipbook
Issuu converts static files into: digital portfolios, online yearbooks, online catalogs, digital photo albums and more. Sign up and create your flipbook.