1
Intangamarara • Intumbero nyamukuru y’iri sekeza «Tugwanye indwara y’umutima, dutere ivyamwa » n’ukugwiza ibiti bitanga ivyamwa, ibi navyo bigatuma abantu bafungura vitamine C igwanya indwara z’umutima n’izindi ndwara abantu bashobora kwikingira. • Umuntu umwe wenyene ntashobora gutunganya iri sekeza. Abanyeshule bafise rero uruhara n’akamaro ntangere iyo baronse uburenganzira bwo gushikira inyigisho ijanye n’uwo mugambi. Kukaba nkako nibo baca babandanya gushira mu ngiro ivyo bigishijwe mu mashule. • Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule yatunganijwe kugira ishobore kugirira akamaro abayigize ikongera ikagwiza inguvu, n’ugushaka kw’abayikoraniyemwo.
7